Petero NKURUNZIZA na John MAGUFULI babonaniye i Ngara

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 20 juillet 2017 saa 01:33
Yasomwe : 53460
1 0

Umukuru w’igihugu w’Uburundi Petero NKURUNZIZA hamwe na John Pombe MAGUFULI wa Tanzaniya babonanye ubwa mbere amaso mu yandi kuri uwu wa kane, mu mubonano wabereye mu karere ka Ngara mu ntara ya Kagera, mu gihugu ca Tanzaniya.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yafashe urwo rugendo n’imodoka, akaba yaciye ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya, i Kobero mu ntara ya Muyinga.

Muri urwo rugendo, nk’uko tubikesha igisata c’ukumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yaherekejwe n’abashikiranganji batanu ba Reta y’Uburundi aribo Alain Guillaume BUNYONI ajejwe umutekano, Alain Aimé NYAMITWE w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Isabelle NDAHAYO ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, Domitien NDIHOKUBWAYO w’ikigega ca Reta, hamwe na Emmanuel NTAHOMVUKIYE ajejwe kwivuna abansi.

Umukuru w’igihugu wa Tanzaniya niwe yagiye kumwakira, mw’ijambo yashikirije abanyagihugu bari ku kibuga c’umupira w’amaguru i Ngara, John MAGUFULI yababwiye ko yabazaniye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ababwira ko agira aje kuganira nawe bari bonyene, mu nyuma ku muhingamo agiranire umubonano n’abandi bamuherekeje.

Ivyavuye muri uwo mubonano turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha