Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero NKURUNZIZA yatanze intererano y’amafaranga azokoreshwa mu matora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero NKURUNZIZA yatanze intererano y’amafaranga azokoreshwa mu matora (...)

Petero NKURUNZIZA yatanze intererano y’amafaranga azokoreshwa mu matora y’2020

lundi 7 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko icihutirwa muri uwu mwanya atari ugusaba intererano z’amatora abanyagihugu basanzwe bari mu bukene. Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU avuga ko ata n’uwomenya ko ayo matora azoba, aravye icuka ca poritike kiri mu Burundi. Kubw’uwo munyeporitike, icihutirwa ahubwo kwari ukuduza ubutunzi bw’igihugu, uguhagarika ubugizi bwa nabi bukorwa, hamwe n’ukwubahiriza ubwigenge bwa bamwe n’abandi, mu bijanye n’ugushikiriza ivyiyumviro.

JPEG - 58 ko
Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU

Tubibutse ko mw’ijambo yashikirije umunsi Uburundi bwahimbaza imyaka 55 iheze bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye Abarundi ko mu gushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, abarundi bararikiwe gutanga intererano zabo kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu. Muri iryo jambo, Petero NKURUNZIZA yavuze ko abarundi bisunze ibihe igihugu caciyemwo kuva mu mwaka w’1961, bikwiye ko bitegurira neza amatora yo mu mwaka wa 2020 no muri kazoza mu bijanye n’uburyo hamwe n’ibikoresho batarinze gusaba imfashanyo mu makungu.

Muri iryo jambo yavuze ati : « Umwe wese azoterera uko ashoboye, gutyo twereke amakungu ko Abarundi dushoboye kwitunganiriza amatora azira utunenge tutarinze kuzera inze, nakare akimuhana kaza imvura ihise. Iyo ni imwe mu nzira zo gutsimbataza intahe y’ukwikukira na demokarasi mu gihugu cacu, na kare iyo ntahe y’ukwikukira twayironse iciye mu matora mu 1961. »


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Iyo tuba twararonse abatware nk’uyu kuva kera igihugu kiba carogoroye. Komera nyakubahwa Président, turazi ko abansi b’Uburundi riniga iyo babona igihugu gishobora kwitunganya.
    Ukwibako, ukwitunganiriza ivyacu niyo nzira y’iterambere ry’igihugu. Ubushinwa gisigaye ari igihugu rutura kuko cabwiye abakoloni kitu guma iwanyu , tugume iwacu. Caritunganije none murabona intambwe bagezeko. Izo mfashanyo bahaya ariko ari aide fatale = isumu, ni bazigumye, dupfa twipfire, dukira twikirire. Inderamaboko n’abamenyereye kurya bicaye nibo bonyene basigaye babwira abazungu ngo dusayidiye aho gukura amaboko mu mpuzu. Twe twarategereye akamaro ko kwibako. Nta gihugu nakimwe gishobora gutera imbere kubera imfashanyo.

  • Kuvyerekeye amatora mbona ko nkurunziza ariko abandanya kwicisha abanyagihugu inzara n, inkota. umuntu abona ikigoyi kiri mu gihugu agaca aterera amatora ? yikebuke cane kuko mirise y, imbones siyo izogarukana umutekano abanyagihugu ubwabo bagowe nibo bazobigora igihugu c, Uburundi kibe Israël nshasha

  • ego ndumvise ico gikorwa nyakubahwa Petero NKURUNZIZA umukuru wUBURUNDI YAKOZE co gutanguza guterera amafranga YAMATORA Ya 2020 uko umuntu yifise yatanguje nico nakare nakare umwera uva ibukuru ugashwara kandi akimuhana kaza imvura ihise .Ntawokwama atakambira abazungu baduha ama aide lie kandi amazi masabano ntamara imviro mbere ninkoni ya kure ntiyica inzoka . Mugabo bari bakwiye kuraba nizo miliyoni 6 za barundi bakaronderera ubuzi ibisomeri ndetse bakugurura imiryango kuri ca kigo CA BBN kijejwe kurab a la qualite kuko amahemorragie kumagara yabantu ntazobura canke hemorragie fiscale ntazobura ndetse no muburyo social eka mbere na politique . Rero nibugurure imbibe muburyo bumwe canke ubundi ninaho nizo mfashanyo zoja canke zova hanze zogira ikimazi kubenegihugu canke kubaturage kuko naho bimeze uko ABARUNDI barakeneraniye muri tumwe nutundi .

  • Jewe numva yatanze make uravye ayo yagabiye abantu italiki 1/7/2017. Yari gutanga n’imiburiburi amadolare imiliyoni zitanu, kuko numva ngo asigaye aharurwa ma batunzi karuhariwe bo muri Afrika n’aho abanyagihugu batubitse uwavubi.

  • ivyo nivyiza cane, ntaguhora mutegeye amaboko abazungu, nimutangure mumenye kwirwanako. example mu Rwanda barikoreye amatora agenda neza,Amerika ivuze bayivugiriza induru ica iranuma.

  • igihe ,com, Murerekana Ho Muhagaze, Prezida Ariko Aratanga Intererano Yamatora. Leonce We Yaje Gute?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.