Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu rugendo mu gihugu ca Tanzaniya

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 20 Mukakaro 2017 saa 08:49
Yasomwe : 54954
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yafashe urugendo mu gatondo ko kuri uwu wa kane rumushikana mu gihugu ca Tanzaniya, aho agiye kubonana na mugenzi we John Pombe MAGUFULI w’igihugu ca Tanzaniya.

Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko uwutwara Uburundi yitavye ubutumire bw’uwutwara Tanzaniya. Uwo avugira Petero NKURUNZIZA ashikiriza ko abo bakuru b’ibihugu baganira ku bijanye na poritike, ubutunzi, imigenderanire y’ibihugu barongoye, hamwe n’ibijanye n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Muri urwo rugendo umukuru w’igihugu c’Uburundi yafashe kuri uwu wa kane, yaherekejwe n’abashikiranganji batanu ba Reta y’Uburundi aribo Alain Guillaume BUNYONI ajejwe umutekano, Alain Aimé NYAMITWE w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Isabelle NDAHAYO ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, Domitien NDIHOKUBWAYO w’ikigega ca Reta, hamwe na Emmanuel NTAHOMVUKIYE ajejwe kwivuna abansi.

Imyaka ibiri n’amezi abiri arengako iminsi mike niyo yari iheze umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA adasohotse Uburundi. Ubwa mbere yaheruka gufata urugendo yari mu kwezi kwa Rusama 2015 yerekeje mu gihugu ca Tanzaniya nyene. Inyuma y’umunsi umwe gusa atari mu Burundi, mu gihe imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwiwe yari imaze ukwezi kuburamwo iminsi mike, Général Godefroid NIYOMBARE yaciye ashikiriza ko asenyuye ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Ukwo gutembagaza ubutegetsi kwahavuye kuburizwamwo, Général NIYOMBARE ahunga Uburundi, abo bari bafadikanije umugambi nabo barafatwa, bashikirizwa ubutungane.


Kumenyekanisha

1
joel nsindabigeka 23-07-2017 à 23:15
2
Joagnes Wacha Waseme 20-07-2017 à 15:08

imana Niyo Nkuru,ibabarir Abo Bose

3
Lenad Nahason 20-07-2017 à 11:24

Nivyiza cane kuganira ,kuko Burundi na Tanzania bafashanywa vyishi kuvyinjira ni bisohoka

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha