Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyeshako bibaye ngombwa, ata kibuza ko ikiringo c’umurwi ujejwe kuvugana ukuri no kurekuriranira gishobora kwongerwa.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yavuze ko ata nkeka ,umurwi ujewe kuvugana ukuri no kurekuriranira ari umugambi w’abarundi atari umugambi w’abanyamahanga ari naco gituma bikenewe bowongera ikiringo co gukora.
Umukuru w’igihugu yavuze ko ku bijanye n’uburyo butatanzwe bufasha uwo murwi gukora,abarundi bonyene ico kibazo bazocifatira mu minwe, ku bijanye n’abatakiri muri uwo murwi yavuze ko abagiye bazosubirizwa hisunzwe amategeko.
Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko ata mvo n’imwe yotuma bavyihutisha cane, kuko ari ivy’abarundi, kandi mu gihe vyogenda neza ryaoba ari iteka ku gihugu,n’abandi bakabifatirako akarorero.
Kagabo, jewe ndumurundi wo kwitsitso, kandasazwe yanka urunuka uwuhohotera,
umunyagihugu, amuhora izuru, nuburebure,nubugufi yiherewe niyamurenye. uwo niyo ndamubonye nzomara ukwezi ndiko ndadahwa, bisigurako ,ndamwanka, kugeza naho yahonyoye.nayuwo murwi wankurunziza CVR ntarukiza uzozana kubarundi atari kubatera amarira.