IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > u Burundi > Pierre NKURUNZIZA:“Ntihagire uwukekeza uwundi afatiye kuco yatoye”

Pierre NKURUNZIZA:“Ntihagire uwukekeza uwundi afatiye kuco yatoye”

Thursday 7 June 2018, by Jean De Dieu

Mw’ijambo yashikirije abarundi muri komine Bugendana ahejej gutera umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha ,umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yasavye abarundi ntihagire uwukekeza uwundi afatiye kuco yatoye kuko iryo bwirizwa nshingiro rizoha uburenganzira abarundi bose ata kuvangura.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ati: “N’ibwirizwa nshingiro ry’abarundi bose abaritoye n’abataritoye rizotunganiriza bose abarundi hamwe n’abanyamahanga. ”

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ko iryo bwirizwa nshingiro ritaje guhindura inzego canke amategeko ahasanzwe kandi ko amabwirizwa adateye kubiri n’iryo bwirizwa nshingiro azobandanya akwirikizwa.

Umukuru w’igihugu yavuze kandi ko icihutirwa ubu ari ugutsimbataza intahe yo kwikukira ,iteka n’itekane ry’umunyagihugu hamwe no kuja kumurongo umwe n’bindi bihugu vyo muri Afirika y’Ubuseruko


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.