IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > REGIDESO yihaye ukwezi kumwe kw’ukugufurira intsinga zimaze guhitana abantu (...)

REGIDESO yihaye ukwezi kumwe kw’ukugufurira intsinga zimaze guhitana abantu babiri

mercredi 28 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe REGIDESO ryihaye ikiringo c’ukwezi kumwe kugira rizobe ryamaze gufurira ahari intsinga z’amatara zari zikiri hejuru mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi. Aho ni mu gihe umwigeme w’imyaka 20 aheruka kwitaba Imana, muri zone Kinindo, ahitanwe n’umuyagankuba wari mu ntsinga z’amatara.

Wilson TANGISHAKA, umuyobozi ajejwe ivy’umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO yamenyesheje ko ico kiringo bacihaye kugira ntihagire uwusubira kurwa muri iryo sanganya.

Uwo muyobozi avuga ko ubukene bw’ibikoresho aribwo butuma izo ntsinga ziba zitarafurirwa, muri ukwo kuguma hejuru akaba ariho amasanganya azanana, aho tukabamenyesha ko hari n’uwundi muntu agira kabiri yishwe nyene n’umuyagankuba uri muri izo ntsinga.

Muri REGIDESO bizeza ko muri ico kiringo c’ukwezi bazoba bahejeje gufurira ahari izo ntsinga hose.


IGIHE

Messages

  • Ndibaza iryo sanganya riza riraba rivuye kumuyagankuba, nugusamara kwishiramwe Regideso, ati kuki ntashirahamwe ribaho ridafise abakozi bagenzura muburere bwose bwahabwemwo itsinga zamatara, nkomugihe civura niho usanga itsinga ziri kumusozi!, cakabiri guhimiriza abantu bose ahobabonye itsinga ziriheguru, kuterefona abakozi bari Regideso, ivyo bishobokagute? nigihe baba baratanze inamba zabo zi simu kubanyagihugu bose.Cagatatu abavyeyi kwigisha abana babo, kokizira gukinisha itsinga zamatara kuko nurupfu, nubwa bana bagoye kumva ngerageza nkarimwe mukwizi kubibutsa yuko vyica ,murakoze.

  • Ahuabwo Baribaratevye Ubon’arinacocatumy’isokorisha Kiryagihe,turahoz’umuryango Wabuze Twizer’inyuma Y’icokiringo Ntibizosubira.

  • kuberiki muburundi umuriro ukenye kandi dufise inzuzinyinshi kandi umuriro uri mubintu vyogwiza akazi ikindi harakwiye isosiyete yoshira amazi mumirima kugira kubera uruzuba rurabangamiye uburimyi na ejibuti bakoresha amazi avuye iwacu ntanzara bafise ariko twebwe turakenye indya kubera uruzuba rwabaye ndanse

  • mbeganomucaramanukonyene ntamuyagankuba tuzoronkavuba nimwiyaranje mubitunganye Ivyobitsinga abanyagihugubohera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.