RSF Bonesha FM isabwa gutanga urupapuro rwerekana ko idakwirikiranwa n’ubutungane kugira isubire gukora

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 24 février 2018 saa 10:09
8265
0 0

Urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura no gucungera ibinyamakuru mu Burundi CNC (Conseil National de la communication) rusaba iradiyo RSF BONESHA FM gutanga urupapuro ruvuye mu butungane rwerekana ko idakwirikiranwa n’ubutungane, kugira yemererwe gusubira gukora.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu,Aimée Divine NIYOKWIZIGIRWA icegera akongera akaba n’umuvugizi w’urwego CNC ,yavuze ko urwego rujejwe kugenzura no gucungera ibinyamakuru rwasanze ivyasabwe n’iradiyo RSF Bonesha FM ngo isubire gukora bihuye n’itegeko rijejwe kumenyesha amakuru, ariko mu gusuzuma basanze hariho bimwe bikibura muri iyo dosiye ya radiyo RSF Bonesha FM.

Muri ico kiganiro, Aimée Divine NIYOKWIZIGIRWA yamenyesheje ko mu nama CNC yakoze ku magenekerezo ya 22 na 23 Ruhuhuma 2018, basanze bimwe mu bikorwa vy’amaradiyo n’ibindi bimenyeshamakuru, hariho utunenge tumwe tumwe.

Aimée Divine NIYOKWIZIGIRWA avuga ko tumwe muri utwo tunenge, ari nk’ihindurwa ry’urutonde rw’ibiganiro urwego CNC rutamenyeshejwe , amakuru atanganzwa canke ashikirizwa ata mukono y’uwayatohoje canke uwayakoze uriko hamwe n’amakuru atangwa atatohojwe neza eka n’amakuru amwamwe ahengamye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha