IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > RPA, Bonesha FM na RT Renaissance zahawe amezi atatu yo gutunganya (...)

RPA, Bonesha FM na RT Renaissance zahawe amezi atatu yo gutunganya ivyayo

lundi 3 Mukakaro 2017

Nk’uko biri mw’itangazo ry’urwego CNC ryo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 3 Mukakaro 2017, ikigo CNC kimenyesha ko Radio Publique Africaine (RPA), Radio Bonesha FM na Radio-Television Renaissance zifise ikiringo co gushika kw’igenekerezo rya 30 Nyakanga 2017 kugira kibe catunganije ivyayo n’ubutungane, gutyo CNC ifate ingingo ijanye nayo.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’icegera c’umukuru w’urwego CNC akaba n’umuvugizi warwo Aimée Divine NIYOKWIZERA, urwego CNC rumenyesha kandi ko ari ngombwa ko ibimenyeshamakuru bitanga inkuru itohojwe neza, kandi abafise ico bashikiriza kuri iyo nkuru bakaronka ijambo bose.

JPEG - 27.6 ko
Aimée Divine NIYOKWIZERA, icegara c’umukuru w’urwego CNC

Urwego CNC rwibutsa kandi abatarashira umukono mu gitabo cerekana ivyo ibimenyeshamakuru vyiyemeje kubikora, kuko ikiringo co kubikora kizohera kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017.

Izo ngingo zafashwe mu nama ya bose yabaye ku magenekerezo ya 29 na 30 Ruheshi, mu ndwi urwego CNC rwariko ruhimbaza imyaka 25 iheze rushinzwe mu Burundi, hamwe n’imyaka 10 iheze rugengwa n’amategeko y’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.