Accueil > Amakuru > u Burundi > RPA, Bonesha FM na RT Renaissance zahawe amezi atatu yo gutunganya (...)
RPA, Bonesha FM na RT Renaissance zahawe amezi atatu yo gutunganya ivyayo
lundi 3 Mukakaro 2017
Nk’uko biri mw’itangazo ry’urwego CNC ryo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 3 Mukakaro 2017, ikigo CNC kimenyesha ko Radio Publique Africaine (RPA), Radio Bonesha FM na Radio-Television Renaissance zifise ikiringo co gushika kw’igenekerezo rya 30 Nyakanga 2017 kugira kibe catunganije ivyayo n’ubutungane, gutyo CNC ifate ingingo ijanye nayo.
Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’icegera c’umukuru w’urwego CNC akaba n’umuvugizi warwo Aimée Divine NIYOKWIZERA, urwego CNC rumenyesha kandi ko ari ngombwa ko ibimenyeshamakuru bitanga inkuru itohojwe neza, kandi abafise ico bashikiriza kuri iyo nkuru bakaronka ijambo bose.
- Aimée Divine NIYOKWIZERA, icegara c’umukuru w’urwego CNC
Urwego CNC rwibutsa kandi abatarashira umukono mu gitabo cerekana ivyo ibimenyeshamakuru vyiyemeje kubikora, kuko ikiringo co kubikora kizohera kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017.
Izo ngingo zafashwe mu nama ya bose yabaye ku magenekerezo ya 29 na 30 Ruheshi, mu ndwi urwego CNC rwariko ruhimbaza imyaka 25 iheze rushinzwe mu Burundi, hamwe n’imyaka 10 iheze rugengwa n’amategeko y’igihugu.
MUGISHA Van Naris