Rémy BARAMPAMA yagizwe "Umuserukizi adasanzwe"

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 6 Ruheshi 2017 saa 03:52
Yasomwe : 16236
0 0

Rémy BARAMPAMA yahoze ari Musitanteri wa komine Ntahangwa yagenwe kuba umuserukizi adasanzwe w’Uburundi "Ambassadeur Extraordinaire et Plénipotentiaire." kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA nomero 100/116 ryo kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2017.

Rémy BARAMPAMA ni umukenguzamateka wo mu bwoko bw’Abahutu yatowe mu ntara ya Bujumbura (Mairie).

Uwo mukenguzamateka ari ku rutonde rw’abantu bane bemejwe n’inama nkenguzamateka y’Uburundi kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2017, kugira bazorungikwe guserukira Uburundi mu makungu. Ibihugu bazorungikwamwo ntibiramenyekana.

Muri abo bane, babiri nibo bamaze kugenwa mu mabanga y’abaserukizi badasanzwe b’Uburundi (Ambassadeurs Extraordinaires et Plénipotentiaires), abo nabo akaba ari Rémy BARAMPAMA hamwe na Docteur Nina Christine NIYONSAVYE, umututsikazi avuka mu ntara ya Bururi.

Kuri urwo rutonde rwa bane bamejwe n’inama nkenguzamateka, hasigayeko Stella BUDIRIGANYA, umututsikazi avuka mu ntara ya Mwaro, hamwe na Martin MBAZUMUTIMA, umuhutu avuka mu ntara ya Bujumbura (Mairie).


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha