Reta y’Uburundi irahumuriza abatinya guhunguka

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 11 Myandagaro 2017 saa 09:19
Yasomwe : 12537
0 0

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bumenyesha ko Abarundi bahunze Uburundi ariko badakurikiranwa n’ubutungane bashobora guhunguka kandi ko bazoshikirizwa mu vyabo basize mu Burundi.

Muri ubwo bushikiranganji bemeza ko urutonde rw’abahunze bakurikiranwa n’ubutungane ruzwi, kuko n’imitahe y’ukubahagarika ihari. Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ahumuriza aboba bafise amakenga ko bazoshikirizwa ubutungane nibataha, akababwira ati : "Hakaba hari ico batinya, nibaba banyumva, ndabasavye, ejo baze bose tubategere, basubire mu miryango yabo.

JPEG - 50.8 ko
Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Impunzi zigera ku bihumbi 162 nizo zimaze gutahuka ku bushake bwazo, nk’uko vyemezwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, muri ubwo bushikiranganji bakamenyesha kandi ko n’abandi barenga ibihumbi 150 bava muri Tanzaniya bitezwe mu minsi ya vuba. Umurwi urimwo abaserukira Reta y’Uburundi, abaserukira Reta ya Tanzaniya, hamwe n’abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu HCR ukaba waratanguye kwigira hamwe ingene abashaka gutaha ku bugombe bwabo boshikanwa mu Burundi.


Kumenyekanisha

1
Kararuza 11-08-2017 à 15:14

Wa mugabo we ngo ni Barandagiye izina niryo muntu barakuragiye nyene,bataha mu masase nama granades? nta minsi usigaje ngaha mu Burundi udahunze,erega birazwi yaco uhenda abanyagihugu rero

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha