Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’Uburundi isaba Urwanda na HCR kurekura impunzi z’abarundi zipfuza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi isaba Urwanda na HCR kurekura impunzi z’abarundi zipfuza (...)

Reta y’Uburundi isaba Urwanda na HCR kurekura impunzi z’abarundi zipfuza guhunguka

mercredi 4 avril 2018

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoyekur’uno wa gatatu igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2018, imenyesha ko kuva kw’Imana igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2018, yaronse amakuru ko hari impunzi z’abarundi 1604 birukanywe mu gihugu c’Urwanda, aho baciye bavuye muri Reta Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Filipo NZOBONARIBA, Reta y’Uburundi imenyesha ko, abirukanywe mu gihugu c’Urwanda bemeje ko boba birukanywe kubera banse kwinjira mu mirwi yitegurira gutera Uburundi, abo nabo bakaba bagizwe n’abahungu n’abigeme bakiri bato.

Reta y’Uburundi ibicishije ku muvugizi wayo akaba n’umunyamabanga wayo, ivuga ko insiguro zatanzwe n’Urwanda ko birukanywe kubera ivyo bemera zidafashe, kuko urwaruka rwasigaye mu gihugu c’Urwanda rutigeze rumenyesha ko rwahinduye ivyo rwemera.

Reta y’Uburundi isaba igihugu c’Urwanda, ko nkuko barekuye impunzi za mbere kugira zitahuke, n’abandi bobarekura bagataha mu gihugu cabo.

Mu kurangiza, Reta y’Uburundi imenyesha ko yafashe ingingo zoze zo gucungera amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, nayo abazogera kuyahungabanya akaba ataho bazoshika.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Aliko abarundi nibagashoza, ntambara, bariya bantu bavuye muburundi babarashe, bava muli congo babarashe bageze mu Rwanda banze kubahiriza amategeko yigihugu basubiye, iwabo none umva ngo nuko banze kujya mumirwi, ishaka gutera uburundi ! !!!urumva u Rwanda rufite uwo mwanya niyo mpamvu ntacyo mugeraho

  • Nimukomerekumuheto. mugucungera. umutekano wigihugucacu. umwansi. agucira icobo ,imanaikagucira icanzo ,uyonawenabanze amenye poritike. yigihuguciwe.hama. azocagerageza amenyedukekuriporitiki, yuburundi kuko, igihugucitwa. uburundi. Nigihugugikomeyecane ,giteyimberekuriporitiki namakungu ,aratinya.tureke ,I high gun lure and a !!!!

  • Ariminum in barite. amakosafite ,nikukimutigeramushirako. igitekerezocanje ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.