IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi ivuga ko ibiganiro biheruka kubera i Arusha ari ivya (...)

Reta y’Uburundi ivuga ko ibiganiro biheruka kubera i Arusha ari ivya nyuma

mardi 12 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa mbere, Reta y’Uburundi yemeza ko ishimishwa n’utwigoro tw’ibihugu bibanyi, mu ntumbero y’ugutorera umuti ibibazo vy’Uburundi. Reta y’Uburundi imenyesha ko icizeye umuhuza Yoweri KAGUTA MUSEVENi, umukuru w’igihugu ca Uganda, hamwe n’uwumwunganira Benjamin William MKAPA yahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzaniya.

Muri Reta bashimira umwunganizi w’umuhuza, Benjamin MKAPA ko yubahirije ubwigenge bw’Uburundi, hamwe n’amategeko y’Uburundi. Aho Firipo NZOBONARIBA avugira Reta y’Uburundi avuga ko umwunganizi w’umuhuza yubahirije ubwigenge bw’Uburundi kuko yatumiye abadakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.

Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi iremeza ko izokwama ishira imbere ibiganiro, ariko ko abaganira bagiye kubandaniriza mu Burundi.

"Nico gituma mu kwuhurira ivyavuye muri iyo nama igira kane ariyo ya nyuma ibereye hanze y’igihugu, ibiganiro bizobandaniriza mu Burundi kugira vyunganire ivyahuje Abarundi bo mu gihugu hagati."

JPEG - 26 ko
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Reta y’Uburundi ivuga ko uko umutekano wifashe ubu vyerekano ko ata ruhagarara ruri mu Burundi mu vyerekeye poritike.

Ibiganiro bihuza Abarundi biheruka kubera mu gisagara ca Arusha kuva kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo gushika kuwa 8 Kigarama 2017. Ivyo biganiro vyasozerewe ata masezerano ateweko umukono hagati y’impande zitavuga rumwe ku bibazo vya poritike biri mu Burundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.