IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi ivuga ko yagirizwa ivyaha vyakozwe n’abayirwanya

Reta y’Uburundi ivuga ko yagirizwa ivyaha vyakozwe n’abayirwanya

lundi 7 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu cegeranyo inama nkuru y’umutekano ya ONU iheruka gusohora, bamenyesha ko igihugu c’Uburundi kiri mu mayira abiri mu bijanye na poritike, kandi ko mu Burundi hacibonekeza ubugizi bwa nabi bugizwe n’uguhohotera abantu hamwe n’ukubanyuruza.

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi Firipo NZOBONARIBA, mw’itangazo yasohoye, avuga ko ivyaha vy’ubugizi bwa nabi hamwe n’ukunyuruza abantu vyagirizwa Reta y’Uburundi biba vyakozwe n’abaronderwa n’ubutungane bw’Uburundi.

JPEG - 66.7 ko
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi irahakana ko Uburundi butari mu mayira abiri mu bijanye na poritike (impasse politique), nk’uko vyashikirijwe n’inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano.

Inama ya ONU ijejwe umutekano imenyesha ko irajwe ishinga n’ingene ibintu vyifashe mu Burundi mu bijanye n’agateka ka zina muntu.

Muri ico cegeranyo, iyo nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga ko mu Burundi hacibonekeza ihohoterwa, inyuruzwa ry’abantu hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane.

Reta y’Uburundi ivuga ko yiyamiriza ico cegeranyo kubera kubw’iyo Reta, canditswe hisunzwe ibishikirizwa n’abarwanya Reta. Uburundi bwemeza ko amahoro n’umutekano ari vyose mu gihugu cose, ko igikorwa gihari ubu ari ic’ukurwanya ubukene.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.