IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yahagaritse iyinjizwa ry’ibitungwa biguruka mu (...)

Reta y’Uburundi yahagaritse iyinjizwa ry’ibitungwa biguruka mu gihugu

mercredi 22 Ruhuhuma 2017

Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi yafashe ingingo yo guhagarika iyinjizwa ry’ibitungwa biguruka biva mu gihugu c’Ubuganda n’ibindi bihugu vyamaze kumenyekana ko birimwo indwara y’akamangu k’inyoni.

Mw’itangazo umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yashikirije kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 21 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,amenyesha ko indwara y’akamangu ari indwara yandukira cane kandi ishobora kwica.

Muri iryo tangazo,umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko indwara y’akamangu k’inyoni ishobora gufata ibikoko harimwo ibibana n’abantu canke ibikoko biba mw’ishamba.

Indwara y ‘akamangu k’inyoni iramaze kwibonekeza mu gihugu c’Ubuganda hamwe n’ibindi bihugu vyegereye igihugu c’Uburundi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.