Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Reta y’Uburundi yatanze imfashanyo ku banyagihugu ba Tanzaniya
Yanditswe taliki ya 27-09-2016 - isaha 13:49' na IGIHE

Reta y’Uburundi yahaye abanyagihugu ba Tanzaniya imfashanyo igizwe n’amatoni ijana y’umuceri, amatoni 50 y’ibigori, amatoni 30 y’isukari, hamwe n’amatoni atatu n’inusu y’icayi. Iyo mfashanyo yahawe abanyagihugu bo mu ntara ya Kagera baheruka gushikirwa na nyamugigima yahitanye abantu n’ibintu.

Abashikiranganji babiri ba Reta y’Uburundi aribo Pascal BARANDAGIYE ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe na Leontine NZEYIMANA ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, nibo bashikirije iyo mfashanyo yatanzwe kuri uwu wa mbere. Yakiriwe n’icegera c’umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu.

Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko igihugu ca Tanzaniya camye kiba hafi y’Uburundi mu bihe vyose bwaciyemwo bibi na vyiza, akavuga ko umubanyi ariwe muryango, kandi abonekera mu magorwa.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji BARANDAGIYE, nico gituma Reta y’Uburundi yashimye kugira ico iterereye, mu gushikiriza Reta ya Tanzaniya iyo mfashanyo, agashikiriza ko muri Reta y’Uburundi batari kwirengagiza ivyago vyashikiye abanyagihugu ba Tanzaniya.

Nyamugigima iheruka kuba mu ntara ya Kagera mu gihugu ca Tanzaniya yahitanye ubuzima bw’abantu cumi n’indwi, abagera ku majana ane barakomereka, n’inzu zabo zirasambuka.

Ivyiyumviro vyanyu

eregantanahamw ikibicigezegitsind iciza. kuberakomutamawacupeteronkurunzizayamenyereyekwam afashanyan abandi,nicogitumayatanz iyomfashanyokugihugucatanzaniya. kandinoneho kuberakotanzaniyanayoyamahagufik uburundi nicogituma uburundinabwobwaciyebunyarukagufashavyihuta. harabantunabobavug ayamuhe nibavugedukore dukorebavuge mazetwiyubakir igihugucacu nay abagitayebakajakuyereramurwanda natanzaniya nahandi bazosangetwaratey intambwe .mazebazoshikirekumaramara.

3.10.2016 à 22:16
nsaguye andré

Biratangajepe !! Nguburundi Bwatanze Infashanyo Muritanzania Iyo Buba Ubwumwe Bwarikindi Kuru Ntiyotora Abiwe Bishwe Ninzara Rwagomba Gufasha Tanzaia Uko Nukubisemba Ntapfane Ukwiyemera Uburndi Burakenye Shida Za Dunia Zinaka Kilasik

1er.10.2016 à 14:34
Elie

Inzego Mvamakungu Turazanse Turazanse Turazanse Uburundi Nigihugukirimwabagabo Kirafisingabo Zishitsubugabo

29.09.2016 à 22:05
Makenga

eweee nkuru,utanze infashanyo kuri tanzaniya ?nukuri iyonfashano ntikuvuye kumutima nyabuna ivyo ushaka kwa mzee magufuri haupati hata kidogo mzee magufuri amaze kubamenya ko murabichanyi kandi ntahendwa nka kikwete.nabo abo bariko biyandikisha ivyogutuka nogushimira reta yankuru mwese turabazi muri babaryumuhero mwishowenu uko.mutalipa tuuuu.

29.09.2016 à 14:14
alidi hicuburundi

Nonega Kuberiki Bivugwako ATurimubihugu Birimuri Afrika Komyiniti Mugabo Abarundi Tuja Gupagasa Muri Tanzaniya Bakaba Batunyanyasha Nukuberiki ? Ivyobahaye Abobatanzaniya Harabuze Abarundi Tugowe Bari Kubifashisha

29.09.2016 à 12:47
Nzohabona Ndimu Rove

Hahaaaaaaaaa,murabura kubiha lmpunzi zanyu zakwiriye imishwaro !!!!hahaaa koko akabi gasekwa nkakeza

29.09.2016 à 12:22
Mob

Uwo Nimucezo Wandani Ntawutanga Ico Adafise Abarundi Bishwe Nakigoyi Bangana Gute ?Twarabahinyuye.

29.09.2016 à 10:15
Thierry

Uwo Nimucezo Wandani Ntawutanga Ico Adafise Abarundi Bishwe Nakigoyi Bangana Gute ?Twarabahinyuye.

29.09.2016 à 10:13
Thierry

MBE NYENE IZO NTARIMA ZAHUNGIYE MU RWANDA ZORONKA ICO ZIFASHISHA ABANDI ? Reka dufatane mu nda Abahutu n’abatutsi n’Abatwa, muze murabe ukuntu imigisha y’Imana ikwira igihugu cacu ! Uburundi n’Abarudi, komera !

28.09.2016 à 23:30
FELIX MUHIRE

Hariho abantu umenga barajwe ishinga no guhiganwa n’Urwanda. Ni mureke Uburundi bukore nk’igihugu cikukiye. Uburundi buzokundwa n’uwubushaka. Ivyo vyokwama muvuza induru ngo Urwanda ! Urwanda ! Urwanda ruradusize, n’uburyo bwo kwerekana ko mwihebuye mugata ingo zanyu mukaja kwita mu buja kubera inda ngari. Gufasha Tanzaniya n’ikimenyetso c’uko turi bamwe na Tanzaniya. Nayo abo banyagihugu muvugira ko babateye ikigongwe, mwoba mubakunda kuruta Leta bitoreye ? Hariho ibindi bihugu bibona ko Uburundi buri ku nzira nziza, nayo mwebwe ko babahamagara ngo muze kwubaka igihugu mugashima kurara rubunda, bandanya mupfe mwangara muraraguza nka Gahini ! Muzitwa ba MUGWAGAHINGA !

28.09.2016 à 23:26
FELIX MUHIRE

Kuciyunviroreta Yuburundi Yashigikiye Turabashimiy Cane Kobafashijumuryango

28.09.2016 à 21:06
Amos

Abarundi muraryoherwa murikomurafashwa ariko mwebwe ntimushaka kwerekana ko namwemufise agatima nogufasha, pfumamusoma ivyanditse ngahanyene nuwiyise MUKRISTUMURUGENDO ntivyobura icobibigisha.

28.09.2016 à 20:15
.

nanje ndashimye cane,YEHOVA AHEZAGIRE UBURUNDI

28.09.2016 à 20:10
S PAUL

nikurivyiza kuko umuban nïwemuryanko kandi umugenzi abonekera mumagorwa ariko bagerageze bakemure nibihanze uburundi

28.09.2016 à 17:50
Niyongab

Reta Y’uburundi Ukwa Yo,abayo Bagire Bahone N’inzara,ngo Yatanz Imfashanyo Kuri Tanzaniya ?Ndayitwenze ?Nimanze Yifashe !!

28.09.2016 à 14:30
Saïdi Anicet

banza mufashe abanyagi
hugu bo mubweru muruyi
mugasenyi turaremvye
atagiqozwe turashobora
gufpa nimurabe mugirico
mudufashige nayubundi
bwo turapfuye

28.09.2016 à 14:23
pacifique

Reta yacu Burundi yako bazokwame mufasha ago mukuye imana ihongereze vyishi

28.09.2016 à 11:15
ngusha

Reta Yagizeneza Kubafasha Kuko Numubanyimwiza

28.09.2016 à 10:52
Ndikumana

reta,yuburundi icomwagize niciza cane,kubona mwafashije abanyagihugu batanzaniya .twabishimye.ivyonivyovyerekanako harubumwe hagati yuburundi.natanzaniya. retayubundi nimuvugane natanzaniya impunzi zihungugwe .

28.09.2016 à 09:00
issa

reta,yuburundi icomwagize niciza cane,kubona mwafashije abanyagihugu batanzaniya .twabishimye.ivyonivyovyerekanako harubumwe hagati yuburundi.natanzaniya. retayubundi nimuvugane natanzaniya impunzi zihungugwe .

28.09.2016 à 08:58
issa
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.