IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta ya Kongo ntiyemera ko Abarundi biciwe i Kamanyola bari (...)

Reta ya Kongo ntiyemera ko Abarundi biciwe i Kamanyola bari impunzi

lundi 18 Nyakanga 2017

Ibicishije ku mushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, Lambert Mende, Reta ya Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo yavuze ko abapfuye bari abantu b’umugwi utazwi w’abagwanyi.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU n’abamanyeshamakuru bakorera muri ako gace bavuze ko igisirikare carashe ikivunga impunzi zari mu myiyerekano.

Mw’itangazo ku bamenyeshamakuru yasohoye kuwa gatandatu igenekerezo rya 16 Nyakanga 2017,umukuru w’igisata ca ONU muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo Maman Sidikou, yamenyesheje ko ababajwe cane n’abapfuye bari baje kurondera ubuhungiro.

Maman Sidikou avuga ko abo barundi barashwe mu mishamirano yabaye hagati yabo hamwe n’abajejwe umutekano mu gihugu ca Kongo, kandi ko abashika 117 bakomeretse.

Mu butumwa yacishije ku muhora wiwe wa Twitter inyuma y’ubwo bwicanyi, Alain Aime NYAMITWE, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yasavye umuco ku vyabaye aho mw’ikambi y’impunzi y’i Kamanyola.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Uwomukongomani arakomeye mumutwe canke ararwaye! kamanimugojwa akaone Dr atibiwe! haijurikane kusema kwamba ni wapiganaji wariwawa siwakimbizi,!? nawakati mayiti niyawa kinamama nawa toto, nawazehe ambao wari pirwa marisasi.
    Huwo mupumbavu kama ariuwa wapiganaji arikamata bunduki ngapi?
    inajurikana ninjama warifanya nawatu wahapa Burundi ya kupoteza maisha yahao watu,
    aende huko amekosa chakusema, kamakiongozi mwenye hakiri asingema ivooo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.