IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reverien Ndikuriyo:’’ Ishirahamwe ryigenga ry’abanyamahanga rizotegerezwa (...)

Reverien Ndikuriyo:’’ Ishirahamwe ryigenga ry’abanyamahanga rizotegerezwa kwubaka aho rikorera’’

jeudi 5 Nzero 2017

Umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien Ndikuriyo asaba abajejwe intwaro mu ntara ya Makamba gukurikiranara hafi ibikorwa vy’amashirahamwe y’abanyamahanga ategamiye Reta akorera muri iyo ntara.

Mu nama yagirishije abarongoye intara ya Makamba,umukuru w’Inama Nkenguzamateka Reverien Ndikuriyo yibukije abarongozi ko,ishirahamwe ryose ryo hanze rije gukorera muri iyo ntara ryotangura kwerekana amafaranga rizokoresha kugira rihabwe uburenganzira bwo gukora.

Kubwa Reverien Ndikuriyo, amashirahamwe yo hanze aza guhenda abanyagihugu akabashiramwo ubunebwe,mu gihe ahejeje gukorera muri ako karere nta munyagihugu asubira gukora,baca barindira irindi ryoza .

Reverien Ndikuriyo arongoye inama nkenguzamateka yavuze ko, ishirahamwe ritegamiye Reta ry’abanyamahanga rizotegerezwa kwubaka inzu rikoreramwo,iyo nayo rikayisigara kopmine cane intara mu gihe imigambi iryo shirahamwe ryakorera mu ntara urangiye.


IGIHE

Messages

  • Uburogonzi bwarabananiye ni muhebere ababizi batuganye igihungu mbega uyo ministre Ndikuriyo amabaga ajejwe arayazi sha sinabagaya ngaya Buyoya ya bahaye igihungu mutabikwiriye

  • @Boss
    Igihugu ntigihabwa.
    Baraciha.
    Buyoya nawe yabaye nka ya mbwa ifise inyama mu kanwa. Bayiha ubuhiri mukuyikurayo.

  • Kwakiriho Muhamagare Akibore Wambwebwe

  • Gendahariya Reverien Ndikuriyo wamwicanyiwe ivyo nibindi ngo uriko uravuga, urabura kubaka iziwawe ngurondera izowubakiwe namashirahamwe!, ahubwo urateye isoni.wewe warukwiye kuba umusayidizi wanyumbakumiii, nkuze kukumviriza ivyuvuga kuvakera ntajambo ryarushingantahe wigera ushikiriza! iyutavuze ivyoguhonya abanyagihugu, uvuga ivyogucanishamwo abarundi. None nkubaze abo banebwe kumugoroba batonda iwawe igatwe kugusaba ivyobararira?, ndibaza wavugiye mumugani, wavuze zambonerakure zirirwa zirekereje imirizo kumabarabara no kumarigara.

  • @Boss
    Biboneka ko uvuga ivyo utazi nagato. Nyakwubahwa Réverien si Ministre araburengeye. Hanyuma ivyo uvuga ngo ntibazi gutwara sinovuga ngo uwohagushira kuko ntaco wotumarira ndavye ivyiyumviro vyawe. Ahubwo uraraba iyo uja (batwara neza).

    Nayo Nyakwubahwa umukuru w’Inama nkenguza mateka ivyo yavuze ni ukuri. Ayo mashirahamwa twamye tuyabona ari umuyoro (menshi cane) yisukira ngo aje gufasha abanyagihugu ariko ukarondera ico bakoze ukakibura. Hari iryo nibuka ryaje nkuko nyene ugasanga uwurirongoye ni umuzungu ahembwa 10 000$ dollars n’ukuvuga amarundi 18 000 000 fbu icegera ciwe w’umurundi agahembwa 1 500 000 fbu.

  • Ramba Mutama Reverien Nakare Abo Nibo Bafashije Guhungabany Umutekano.Ariko Mwoba Mubahanye.Ici Ciyumviro KiJe Ahubwo Ukwiriye Kuja Kwivola Mutama Intumva Tuzozikurugutura

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.