Roger Nkodo Dang yasavye gushigikirwa n’Uburundi mu matora yimirije

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 25 Ndamukiza 2018 saa 12:12
44580
0 0

Umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika ihurikiyemwo abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka bo mu bihugu 55 vyo ku mugabane wa Afrika, Roger Nkodo Dang yahawe umubonano kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2018; n’abategetsi batandukanye mu gihugu. Inyuma y’umubonano n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA, yabonanye n’umukuru w’inama nkenguzamateka, arangiriza urugendo rwiwe k’umubonano n’umukuru w’igihugu c’Uburundi,Petero NKURUNZIZA, mu ntumbero yo gusaba ko igihugu c’Uburundi comushigikira mu matora yimirije ajanye no gutora umukuru w’iyo nama nshingamateka ya Afrika.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’uwo mubonano, umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi Alexis Badian NDAYIHIMBAZE yamenyesheje ko umukuru w’inama nshingametaka ya Afrika Roger Nkodo Dang yavuganye n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi ku bijanye n’uko igihugu c’Uburundi kizomushigikira mu gihe co kwitoza ubigira kabiri mu kibanza co kurongora iyo nama nshingamteka mu misi iri imbere.

JPEG - 111.4 ko
Roger Nkodo Dang

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE yamenyesheje kandi ko uwo arongoye inama nshingamateka ya Afrika yasiguriye umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi ivyo yashoboye kurangura mu kiringo c’imyaka 3 atwara inama nshingamateka ya Afrika.

JPEG - 78.1 ko
umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi Alexis Badian NDAYIHIMBAZE

Uwo avugira inama nshingamateka y’Uburundi yavuze ko umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yabwiye mugenzi we atwara inama nshingamateka ya Afirika ko bagiye kwihweza ivyo yasavye kugira igihugu c’Uburundi kizomushigikire.

Muri uwo mubonano, nk’uko bivugwa na Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yasavye mugenzi we atwara inama nshingamateka ya Afirika kwibuka ko Uburundi nabwo bukeneye abakozi babwo boja muri iyo nama nshingamateka, abakozi b’abarundi bagashirwa mu nzego z’iyo nama.

Umukuru w’inama nshinganmateka ya Afrika Roger Nkodo Dang avuka mu gihugu ca Cameroun yatanguye gutwara inama nshingamateka ya Afrika mu mwaka wa 2015. Ikiringo ciwe kikazorangira uwu mwaka wa 2018. Mubo bazohiganirwa gutwara inama nshingamateka ya Afrika, harimwo uwuturuka mu gihugu ca Zimbabwe hamwe n’uwo mu gihugu ca Misiri.

Roger Nkodo Dang ari mu rugendo rw’akazi rw’iminsi ibiri mu Burundi, kuva kuri uwu wa kabiri, urwo rugendo rukaza gusozerwa kuri uwu wa gatatu, isaha indwi z’umurango.


Kumenyekanisha

1
Mbonyumugenzi Willy 26-04-2018 à 22:27

Ibintu Nisawa Imana Mushobora Vyose Ihabwe Icubahiro Kuba Bimeze Ukunyene.

2
Zenu 25-04-2018 à 21:34

Nivyiza gose ndavye aya ma sananu nciye mbona vraiment igihugu cacu kiri mubwigunge nukuri none uyu amabanga ajejwe nisawa rero ukuntu yakiriwe umengo basha ntaco nvuze.tuve ibuzimu tujibuntu barundi barundikazi.

3
Coupvoix-na 25-04-2018 à 18:51

Courage!

4
CND 25-04-2018 à 17:28

Président wacu NKURUNZIZA uno musi yari anezerewe cane kandi yari aberewe gose. NAHANGAME.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha