IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rumonge : Abana icenda bafashwe bari bajanwe kudandazwa

Rumonge : Abana icenda bafashwe bari bajanwe kudandazwa

lundi 20 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Uburundi cafashe umunyagihugu wo muri Congo, yari kumwe n’abana icenda bivugwa ko yari ajanye kudandaza mu gihugu ca Malawi. Uwo munyecongo arahakana ivyo yagirizwa.

Bosco Namuleba yafatiwe mu Rumonge kuri uwu w’Imana. Yari kumwe n’abana icenda bava i Uvira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. OP1 Pierre NKURIKIYE aremeza ayo makuru y’ifatwa ry’uwo mugabo, mu giporisi bakavuga ko abo bana biyemerera ko bari bajanwe kudandazwa.

Uwo yafashwe ariko avuga ko abo bana yari abashiriwe abavyeyi babo aho muri Malawi.

Igiporisi kivuga ko kiriko gitegura ingene abo bana boshikrizwa abajejwe intwaro aho i Uvira.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.