Rumonge : Ibikorwa vy’abagore batekera abarovyi vyahagaritswe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 1er octobre 2017 saa 09:40
Yasomwe : 17397
0 0

Abagore bahora bateka imfungurwa z’abarovyi bo ku kiyaga Tanganyika mu ntara ya Rumonge babujijwe gusubira gukora, kw’itegeko rya Juvenal BIGIRIMANA, Buramatari w’iyo ntara. Iyo ngingo yafashwe inyuma y’imyiyerekano yakozwe kuri uwu wa gatandatu n’abagore hamwe n’abana b’abo barovyi.

Abagore b’abo barovyi bagize iyo myiyerekano biyamiriza abo batekera abo barovyi, bakabagiriza ko aribo babatwara abagabo, bagasambura ingo zabo. Abo bagore bavuga ko abagabo babo batagitaha, kubw’abo bateka bazwi kw’izina ry’abapishi.

Inyuma y’iyo myiyerekano, Buramatari w’intara ya Rumonge, Juvenal BIGIRIMANA yafashe ingingo ko abazohora batekera abo barovyi ari abasore bimenyereza umwuga w’uburovyi.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge bamenyesha ko abo bagore bahora batekera abarovyi bari mu bakwiragiza umugera wa SIDA muri iyo ntara.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha