Incamake

Rumonge : Imiryango itatu yakuwe mu matongo na CNTB

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 21 Ntwarante 2018 saa 11:58
12285
0 0

Imiryango itatu y’abasangwa yo muri zone Buruhukiro, komine Rumonge, intara ya Rumonge nyene yakuwe mu matongo n’umurwi w’igihugu CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga. Ayo matongo yahoramwo abasangwa akaba yaciye ashikirizwa abahungutse.

Abaporisi bari kumwe n’abo mu murwi CNTB nibo bashitse kuri uwu wa kabiri aho muri zone Buruhukiro gushira mu ngiro iyo ngingo, kuko ayo matongo CNTB yari yafashe ingingo yo yosubizwa abahungutse bayegukiye.

Iyo ngingo yaranezereje abo bahungutse bavuga ko bari banyazwe amatongo yabo, iyo miryango nayo yakuwe mu matongo ikavuga ko yangajwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha