Ruyigi-Bwagiriza: Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu asaba impunzi kwubaha amategeko azigenga

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 5 Myandagaro 2017 saa 10:40
Yasomwe : 6381
0 0

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu Pascal BARANDAGIYE asaba impunzi ziva mu gihugu ca Republika iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo ziri mw’ikambi y’impunzi i Bwagiriza mu ntara ya Ruyigi,kwubahiriza amategeko agenga impunzi.

Mu rugendo yagize muri iyo kambi,umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yavuze ko hariho impunzi z’isohoka ikambi ata ruhusha zifise zikaja kurondera ikarata ndangamuntu y’Uburundi kandi batabifitiye uburenganzira.

Pascal BARANDAGIYE yagasbishije abafasha izo mpunzi kuronka amakarata karangamuntu ko bazobihanirwa vy’akarorero,aca asaba amashirahamwe HCR na ONPRA guhana impunzi zikoresha karangamuntu y’Uburundi.

Ku mpunzi zitwara nabi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu guhagarika amategeko agenga impunzi, ku bakozi babifisemwo uruhara asaba ko bahagarikwa mu kazi.

Ikambi y’impunzi y’i Bwagiriza irimwo impunzi 9468 ziva mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha