IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rwanda : Abaganga b’abarundi bahawe akazi

Rwanda : Abaganga b’abarundi bahawe akazi

mercredi 21 Ruheshi 2017

Umwe mu baganga b’abarundi baronse akazi, Dr Diane KANEZA yavuze ko basabwe gutanga ivyemeza ko ari abaganga kugira baronswe akazi. Yavuze ati : “Twasabwe gutanga ivya ngombwa, abatanze ibikwiye twaciye turonka uburenganzira bwo gutangura akazi. ”

Umuganga Diane Kaneza umurundikazi akora ku bitaro vya Kibagabaga yavuze ko muri buri bitaro biri aho mu Rwanda usanga hariho umuganaga w’umurundi ahakorera.

Muganga Jean Chrysostome Nyirinkwaya asanzwe arongoye ibitaro vy’igenga vya “ La Croix du Sud ” amenyesha ko nawe nyene asanzwe akoresha abaganga 4 b’abarundi basanzwe ari abahinga mu kuvura indwara z’abagore.

Gushika ubu, bivugwa ko hari abaganga 12 b’abarundi mu Bitaro vya Masaka, 12 mu bitaro vya Nyagatare na 11 mu Bitaro vya Kirehe.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Ndabakeje,
    Mwigendere aho bategera icarico umuganga, icarico kwiga atari mu baraho binziragitabo, bazi ko gutwara igihugu ari ukunwa biyeri, kurasa no kubadarara ku ntebe gusa. Ibihugu vyose bitezwa imbere no guha agaciro formation , recherche...Gukina umupira, kwama muri za alleluia sivyo bizoteza imbere abantu bo hakuno ya Kanyaru.

  • hasigaye abasirikare nabo

  • @Kamariza
    "...bazi ko gutwara igihugu ari ukunwa biyeri, kurasa no kubadarara ku ntebe gusa."

    Biriko biraza! Mu gihe giheze mwavuga ko badashobora kumenya kurasa; ngo ingoho boyicurika.
    Ubu muremeye ko ivyo babimenye.
    N’ibindi bazobimenya kuko mu mitwe yabo hariyo ubwonko s’amabuye ariyo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.