Accueil > Amakuru > u Burundi > Rwanda : Impunzi z’abarundi 33 mu zavuye muri Kongo ziri mu minwe (...)
Rwanda : Impunzi z’abarundi 33 mu zavuye muri Kongo ziri mu minwe y’igiporisi
jeudi 29 mars 2018
Amakuru dukesha ikinyamakuru IGIHE gikorera mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko igiporisi c’Urwanda kibicishije ku rubuga rwaco rwa Twitter, camenyesheje ko muri abo bahagaritswe harimwo 31 bo mw’ikambi nfatakibanza ya Gashora mu Karere ka Bugesera ; umwe wo mw’ikambi y’i Nyarushishi mu Karere ka Rusizi n’uwundi umwe wo mw’ikambi y’i Muyira mu karere ka Nyanza.
Ayo makuru amenyesha ko, igiporisi c’Urwanda cavuze ko icaha izo mpunzi zakoze gihanwa n’amategeko kuko ari ugushira mu kaga izindi mpunzi.
Naho igiporisi kitashize ahabona uko izo mpunzi zabikoze, amakuru ava mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko izo mpunzi ziva mu makambi yashikiyemwo impunzi z’abarundi zirenga 2500 zaje mu Rwanda zivuye muri Repubrika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Abayobozi mu gihugu c’Urwanda, bamenyesheje ko, kuva bagishika mu gihugu c’Urwanda, izo mpunzi z’abarundi zerekanye inyifato idasa n’iy’abandi, kuko banse gufungura ibifungurwa canke gukoreshaimiti yakorewe mu mahinguriro.
MUGISHA Van Naris
Messages
29 mars 2018, 17:46, par Ruberintwari
barababeshera sivyo kuko nubu babandanya kwanka ivyo bintu kand bamw bavuga ko babahend batari kumw.ahubw ni bababaz impamvu.