Rwanda : Impunzi z’abarundi zavuye i Kamanyola zatanguye kwimurirwa mu makambi y’impunzi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 20 mars 2018 saa 08:55
10215
0 0

Impunzi z’Abarundi zavuye muri Repubrika Intwaro Rusangi ya Kongo zikaba zirakirirwa mw’ikambi y’infatakibanza ya Nyarushishi mu Karere ka Rusizi, zatanguye kwimurirwa mu zindi kambi, aho abashika 854 bajanywe mw’ikambi y’impunzi y’i Gashora mu Karere ka Bugesera.

Hari haheze indwi zibiri impunzi z’abarundi zirenga 2500 zavuye muri Repubrika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo mw’ikambi y’impunzi y’i Kamanyola, bivuye ku mvo z’umutekano.

Umuhanuzi mu bushikiranganji bw’impunzi no gukinga ibiza mu gihugu c’Urwanda, yavuze ko izo mpunzi zimuriwe mu kindi kibanza kuko aho bahora hatari hafise ububasha bwo kwakira impunzi nyinshi.

Uwo muhanuzi yavuze ko igikorwa co kwimura izo mpunzi z’abarundi kizobandanya, bakajanwa mu yandi makambi y’impunzi azobonekamwo ibibanza.

Ku bijanye n’uko zimwe muri izo mpunzi zisunze ivyo zemera zanse gufungura bimwe mu bifungurwa, umuhanuzi mu bushikiranganji avuga ko Reta ibandanya kugiriranira ibiganiro nazo kugira zemere infungurwa zose n’imiti izindi mpunzi zihabwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha