IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > SETEMU yagirizwa kuba intandaro yo gucapfura kw’amazi ya Tanganyika

SETEMU yagirizwa kuba intandaro yo gucapfura kw’amazi ya Tanganyika

vendredi 20 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu rugendo rwo kugenzura ibituma amazi y’ikiyaga Tanganyika yononekara, Gerard NYANDWI arongoye uwo murwi yamenyesheje ko basanze amazi ya Tanganyika aherereye mu kibanza co ku mase yononekaye bivuye ku micafu iva mu mahinguriro hamwe n’iyiva mu mihana y’abantu, kuko iyo micafu idahingurwa n’ishirahamwe SETEMU imbere y’uko yisuka mu kiyaga Tanganyika. Inyanduruko ya vyose ni amapompo yayo atagikora.

Nyandwi Gerard yagize ati : “Ikibanza co ku mase carononekaye kuko imicafu iva mu mahinguriro hamwe no mu mazu y’abantu itagihingurwa na SETEMU kubera amamoteri bakoresha mu guhingura iyo micafu atagikora, bigatuma imicafu ivuye mu mahinguriro ica imanuka mu kiyaga idahinguwe”.

JPEG - 107.1 ko
Gerard NYANDWI arongoye umurwi ujejwe gukingira umutekano mu kiyaga Tanganyika

Bede BEDETSE arongoye ishirahamwe rihingura inshato AFRITAN haciye amezi abiri ryugariwe ibikorwa kuko ryagirijwe ko ibiva mw’ihinguriro ryabo bicafuza amazi y’ikiyaga Tanganyika, yamenyesheje ko imicafu yava mw’ihinguriro ryabo yarungikwa muri SETEMU kugira ahingugwe ariko kubera amamoteri atagikora, bica bituma iyo micafu yisuka mu kiyaga.

Umurwi ujejwe umutekano mu kiyaga Tanganyika usaba Reta y’Uburundi ko yokwongereza uburyo buhabwa ishirahamwe SETEMU, kugira iryo shirahamwe rishobore kugura izo pompo zikenewe.

Tubibutse ko amapompo ya SETEMU yakoreshwa mu guhingura imicafu yatanguye gukora kuva mu mwaka w’i 1997 ubu akaba amaze imyaka 2 adakora.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • DD ntaco mutacapfuje,n’Igihugu mwaragicapfuje nkanswe Tanganyika,erega ntaco DD yishoboreye atari ukwica

  • Erega umucafu wa mbere uri mu bwonko bw’aba DD,uwobona Imbonerakure mu mabarabara ngo ziriyamiriza ibi n’ibi,zitanamesuye impuzu ziba zambaye uca utahura ko mu mitwe yabo hacafujwe n’amaraso y’inzirakarengane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.