SOBUGEA na Air Burundi ashobora guhinduka ishirahamwe rimwe muri 2018

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 27 janvier 2018 saa 11:13
13695
0 0

Umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta, gutwara abantu n’ibintu, amenyesha ko mur’uyu mwaka wa 2018,ishirahamwe rijejwe ibikorwa vyo gupakurura imizigo ku kibuga c’indege ca Bujumbura SOBUGEA hamwe n’ishirahamwe rijejwe kwunguruza abantu mu ndege mu Burundi Air BURUNDI bigiye gufatanywa , bikagira ishirahamwe rimwe.

Ashikiriza ivyaranguwe n’umushikiranganji mu mwaka wa 2017, hamwe n’ibigiye kurangurwa mu mwaka wa 2018, umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta, gutwara abantu n’ibintu Jean Bosco NTUNZWENIMANA, yavuze ko Air Burundi na SOBUGEA vyose ari ivya Reta, rero ko kubifatanya ataco bitwaye.

Ku bivugwa ko ayo mashirahamwe azoshirwa hamwe kubera ishirahamwe Air Burundi risa niryahomvye,umushikiringanji Jean Bosco NTUNZWENIMANA yishuye ati :“ SOBUGEA ni Reta na Air BURUNDI ni Reta, kubishira hamwe nta kosa ririmwo ,nico gituma twatunganije ivyirwa kugira turabe uko bizogenda.”

PNG - 478.3 ko
Jean Bosco NTUNZWENIMANA,Umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta

Umushikiranganji Jean Bosco NTUNZWENIMANA amenyesha ko Reta ibifitiye ububasha bwo kuyagira ishirahamwe rimwe, kuko Reta isanzwe ifisemwo umutahe ungana 90 kw’ijana,SOCABU nayo 5 kw’ijana hamwe n’ibice 5 kw’ijana vya SABENA.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha