IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Sindimwo: UA itarishe ibirarane vy’abasirikare bari muri Somaliya,ni ngombwa (...)

Sindimwo: UA itarishe ibirarane vy’abasirikare bari muri Somaliya,ni ngombwa batahe

mardi 17 Nzero 2017

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO amenyesha ko mu gihe ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ritoriha ibirarane rifitiye abasirikare b’abarundi bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya,ata nkeka abo basirikare bazotahukanwa mu gihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 16 Nzero 2017,icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yavuze kandi ko ata ntwaro nfatakibanza ishobora kuba mu Burundi,kuko Reta ihari yemewe n’amategeko.

Gaston SINDIMWO yabishikirije inyuma y’urwandiko rwateweko umukono n’umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vya gisivire,amenyesha ko Uburundi bugiye gutangura gukura abasirikare babwo mu gihugu ca Somaliya,mu gihe ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ritoriha ideni ribafitiye ry’umushahara.

Abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya baheraniwe amafaranga agera ku miriyoni 61 z’amadorare y’abanyamerika, n’ukuvuga ko bamaze amezi agera kuri 11 bataronswa imishahara yabo. Umwe wese muribo akaba yari yandikiwe ku kwezi amafaranga y’abanyamerika agera ku gihumbi kimwe kirenga gato (1028 dollars), ni ukuvuga imiriyoni hafi zibiri n’ibihumbi amajana indwi mu mafaranga y’amarundi


IGIHE

Messages

  • awa nimwe mwase kwumva reka baze muzoyabaha eeh murawunywa nahurura ugutwi kwimpene kwumva kwokeje

  • Kubavanayo mwatevye cane, kuko ntawutanga icadafise!? Kuyabaha aciye kumakonte yibisuma ariyo Reta ya Nkurunziza, Ntibayatange nagatoya, ariko akaba yocishwa kumakonte yabo icokirumvikana. Ivyonavyo bivugisha mama ngo abasirikare ntiboba bakibubaha, iconikinyoma cabayubusa umusoda ntakubahira ngomuko utwoyakoreye turinzegucamumaboko yawe! kuko sayubumagabiye abayayaronse ya yacumukuriye.Nimba bayafise, nibayatware muribirya bihugu barimwo umusi wokubasezera batashe bazoyatahukane, kuriko acishwe kubasuma bongaha muburundi.

  • Mbe DD ko umengo muratera mukiyikiriza! mwafyonze Abarundi, erega amaraso arasama,akari inyuma karahinda,ujinga mzigo

  • None ko mubandanya muvuga kandi abo mubwira bitwengera,biribonekeza ko ubukene bugeze kure Leta y’u Burundi nico gituma mwasaze mukangata,ntaco mushikako,ajya mahera ntayo muzopfa muronse,erega tout se paie ici bas

  • Abo basod nibaveyo nt mahoro abajanye, bifuza amahera nayo ntayo bazoronka. Uburundi nt mahoro! Taha !

  • Jewe Ndiko Ndaraba Ibiri Muburundi Ndumirwa.Nkamafranga Yabasikare Ndetse Nabaporisi Ntaba Akwiye Guheranwe Ntibibaho Ahubwo Iyireta Yu Burundi Siyo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.