Sitasiyo zitatu zidandaza igitoro zahagaritswe ku kiringo c’iminsi indwi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 15 juin 2017 saa 06:35
Yasomwe : 22095
0 0

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bumenyesha ko inyuma y’urugendo rw’akazi rwakozwe ahadandarizwa ibitoro mu gisagara ca Bujumbura, bwasanze hari ama Sitasiyo atubahiriza ivyasabwe n’ubwo bushikiranganji. Ingingo zitandukanye zafashwe, harimwo n’ama Sitasiyo atatu yugawe.

Izo zugawe ni "Station Mogas Kigobe, Mogas NYakabiga hamwe na Kigobe City Oil zahagaritswe mu kiringo c’iminsi indwi, kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 15 Ruheshi 2017.

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bumenyesha kandi ko ibitoro vyafashwe binyegejwe muri izo Sitasiyo bigiye gushikirizwa ubushikiranganji bw’ugufatana mu nda, kugira bikoreshwe mu bikorwa vy’iterambere ry’abanyagihugu.

Ama Sitasiyo yose yasabwe kuba afise ivyapa vyerekana ko ariko arakora canke yugaye, bitarenze kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi. Abatazokwubahiriza ivyo bisabwe bakaba babwiwe ko ibihano bikomeye bitegekanijwe.

Mw’itangazo ryasohowe n’umushikiranganji Come MANIRAKIZA ajejwe amasoko ntanganguvu, yamenyesheje ko n’amasaha y’ukudandaza igitoro yongeweko amasaha abiri, kuva kuri uwu wa gatatu. Ama Sitasiyo adandaza igitoro akaba arekuriwe gukora kuva isaha cumi na zibiri z’agatondo, gushika isaha zitatu z’ijoro. Aho ni mu gihe mu ngingo iheruka y’ubwo bushikiranganji, ayo masitasiyo yari arekuriwe gukora gushika isaha imwe y’ijoro.


Kumenyekanisha

1
Wakera 16-06-2017 à 04:51

None ubutegetsi bwatawe kumazi n’ikibazo c’ibitoro burindiriyiki ko bwomoka !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha