IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Smail Chergui yunamiye abasirikare b’Abarundi biciwe muri Somaliya

Smail Chergui yunamiye abasirikare b’Abarundi biciwe muri Somaliya

jeudi 19 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Smail Chergui, intumwa y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ijejwe amahoro n’umutekano (Commissaire de Paix et Sécurité de l’Union Africaine), mu rugendo arimwo i Bujumbura kuva kuri uwu wa gatatu, yaragiye kwunamira abasirikare b’Abarundi baguye muri Somaliya. Ico gikorwa cabereye mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda, ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu. Yashize urugori rw’amashurwe ku ntatemwa ya Général Major Juvénal NIYOYUNGURUZA yagandaguriwe n’abarwanyi ba Al Shabab muri Somaliya kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga 2009.

Iyo ntumwa y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yari yaherekejwe n’umushikiranganji w’ukwivuna abansi Emmanuel NTAHOMVUKIYE, umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Aime NYAMITWE, umuyobozi mukuru w’igiporisi, hamwe n’izindi ntwazangabo mu gisirikare c’Uburundi.

Mu kiganiro c’umwanya muto yagiranye n’abamenyeshamakuru, Smail Chergui ko bikwiye ko boza baribuka ubutwari bw’abasirikare b’Abarundi bemeye gusesa amaraso yabo kugira abanyagihugu bo muri Somaliya baronke amahoro. Smail Chergui ntiyagarutse ariko ku kibazo c’imishahara y’abasirikare b’Abarundi bari muri Somaliya, aho bivugwa mbere igihugu c’Uburundi kigiye kubakurayo kubera ibirarane vy’amezi cumi n’abiri bafitiwe.

Amakuru atangwa ariko n’abegereye ubuyobozi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika avuga ko ico kibazo arico coba cazanye iyo ntumwa, ikitaramenyekana ariko akaba ari namba iyo ntumwa yoba ije kwemeza ko abo basirikare bokurwa muri Somaliya, canke namba ayo mafaranga abasirikare b’Abarundi baheraniwe yoba agiye gutangwa.

Tubibutse ko haheruka gufatwa ingingo y’uko amafaranga y’imishahara y’abasirikare b’Abarundi atazosubira gucishwa mu kigega ca Reta y’Uburundi. Aho tukabamenyesha ko igice kinini c’imishahara y’abasirikare bari muri AMISOM gitangwa n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, uwo nawo ukaba udafitaniye imigenderanire myiza na Reta y’Uburundi, mbere n’ibihano iyo Reta yari yarafatiwe, ikaba iheruka kumenyeshwa ko ibigumijweko.

Reta y’Uburundi ishikiriza ko itarota yemera ko imishahara y’abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya ibashikira itabanje gucishwa mu kigega ca Reta y’Uburundi.

Umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE yamenyesheje ko ivyashikirijwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, ko imishahara y’abasirikare b’Abarundi bari muri Somaliya izohora ishikirizwa abo basirikare nyene itabanje gucishwa mu minwe ya Reta y’Uburundi bidashoboka, kuko amasezerano y’ukurungika abasirikare muri AMISOM avuga ko ingabo ziguma zihembwa n’ibihugu vyazirungitse.

Kubwa Emmanuel NTAHMVUKIYE, mu gihe ayo masezerano yohinduka abasirikare b’Abarundi bagahembwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, vyogira ingaruka zikomeye ku burongozi hamwe n’indero, kuko nk’uko yabishikirije, umusirikare iyo utakimuhemba, bigorana kumusuzuma hamwe n’ukumugenzura mu bikorwa vyiwe.


IGIHE

Messages

  • Nimwemere Bapfe Kuyabacishako Hama Murabe Uburyo Muyabakurako Mugabo Bayabahaye Ariyo Bakiri Ntibotaha Muburundi .

  • KUNAMIRA IZONTWARI ZUBURUNDI NIVYIZA MUGABO BOKORA UKO BASHOBOYE BIBIVUGANE UBUMWE BWABURAYA NUBUMWE BWA AFRIKA BATANGE AKO GASHAHARA KIZONTWARI ZU BURUNDI KUKO GUKORA UKABURA AGAHEMBO KAWE BIRABABAJE CANA

  • En novembre
    dernier, l’UA avait
    rejeté « fermement »
    la décision de l’UE
    de suspendre le
    paiement des
    salaires des soldats
    burundais déployés
    en Somalie dans le
    cadre de l’AMISOM,
    sans écarter « les
    lourdes et négatives
    conséquences de la
    décision européenne
    sur les opérations de
    l’AMISOM et sur les
    avancées
    sécuritaires déjà
    acquises » en
    Somalie.

  • Abarundi barabatitije murabahemvye mugabo , none ko abarundi berekanye ko igisilikali cabo gikomakomeye mukarere , baramutse bavuye Somalia alshabab yahita yongera kuhigarulira mucyumweru kimwe !!! ahubwo nazanfashanyo bamwaka ejo bazozimusubiza !!! Nkurunziza dore arashaka gukuraho mandate !!! abe president for life !!! kubera iki !!! ????
    Kubera ko INGABO ZAGOMBAGA GUTABARA AHO RUKOMEYE ZATINYE KUJYA KUMUBUZA KWIHA IKILINGO CA 3 !!!

  • KOMERA NIKOBIMEZE TURAGOWE KOIYOMISHAHARA IBUZE RETA NIYIKUBITE AGASHI

  • Jewe Biratangaje Ukuntu Umwasiyobunamira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.