IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Smail Shergui : ’’Ikibazo c’imishahara y’abasirikare b’Abarundi catorewe (...)

Smail Shergui : ’’Ikibazo c’imishahara y’abasirikare b’Abarundi catorewe inyishu ishimisha bose"

vendredi 20 Nzero 2017

Smail Shergui atwara inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika amenyesha ko ikibazo c’imishahara y’abasirikare b’abarundi bari mu gihugu ca Somaliya mu gikorwa co kugarukana amahoro catoye inyishu kandi ishimisha bose kandi ko yizeye ko kitazosubira kwumvikana.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 19 Nzero 2017, Smail Shergui yavuze ko Ubumwe bwa Buraya buzobandanya bufasha kandi n’ubwigenge bw’Uburundi buzobandanya kwubahirizwa .

Yavuze ko ingingo yafashwe yaje hageze kuko hari ibikorwa bikomeye bigomba kuba mu gihugu ca somaliya, bikazotuma abasirikare b’abarundi bakora banezerewe kandi bakorana umutima mu nda ,mu gihe biteguye kugira ibindi bitero ku barwanyi ba Al Shabab.

Smail Shergui yamenyesheje ko ivyo ibihugu vya Buraya vyashaka vyose bitakibaye, kuko ibihugu vyose bifise abasirikare mu gihugu ca Somaliya bifise uburyo bicishamwo imishahara y’abasirikare agashikira igihugu n’abayikoreye .

Umukuru w’inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ,yavuze ko bidashoboka ko bacisha amafaranga ku makonte y’abasirikare ubwabo, kuko ari igihugu cabatanze kandi ingingo zose zifatwa bubahiriza ubwigenge bw’igihugu.

Smail Shergui yari yaje mu Burundi kuwa gatatu igenekerezo rya 18 Nzero 2017,inyuma yaho Reta y’Uburundi imenyeshereje ko itanguje igikorwa co gukura abasirikare b’abarundi mu gihugu ca Somaliya,hamwe batoronswa imishahara baheraniwe.


IGIHE

Messages

  • impundu iwacu induru kwabarera, nkuko sebarundi yarivumereye ivyabarundi ntibirimbwa!!, ivyifuzo vyose vyabazungu nabansumirinda vyose biguye mumazi kuko abansi babarundi baramaramayepe, ubumwe bwafrika bwatahuyeko ubwigenge bwuburundi bwari bwaravogerewe, abarundi twese dukundigihugu catwibarutse turakeje ubumwe bwafika kukuba bumaze gutahura niza imigambi igayitse yubumwe bwuburayi kuburundi yokutunyaga ubwigenge bwacu twironkeye aruko tubize akuya. niharambe sebarundi Petero Nkuruziza nabarundi bose bakunda igihugu cabibarutse. abansi nibiyahure harageze!

  • Subira mubweje rero, :"ivyabarundi ntibiribwa." mw’ijambo ryiwe niko yavuze. Imana irinde u Burundi nabarundi.

  • NUKURI TURASHIMYE UYOMUSHITSI KUKIGORO YAGIZE KOKUTUGENERA NOKUDUHUMURIZA NAYAHANDI HARYA NTIBARIKUBA NATWEBWE ABENEGIHUGU BADUSHAKIRA INEZA KUBERA BAYARONSE NATWE TURAHUNGUKIRA VYISHI NUWUFISE AKAGURISHA ARAGURISHA NONE RERO IMANA NUKURI TURASHIMYE UYOMUSHITSI KUKIGORO YAGIZE KOKUTUGENERA NOKUDUHUMURIZA NAYAHANDI HARYA NTIBARIKUBA NATWEBWE ABENEGIHUGU BADUSHAKIRA INEZA KUBERA BAYARONSE NATWE TURAHUNGUKIRA VYISHI NUWUFISE AKAGURISHA ARAGURISHA NONE RERO IMANA ISHIMWE

  • Imana ishimwe ko ikibazo gitorewe inyishu

  • Bakoze rugabo , nta mugore agabwa n abagabo babiri , iyo bija hose ntabodutsinze twobarungikiye abashingwamanza bo ku mugina intahe ikabakubita mu gahanga , Bazokoreshe ubuhinga ntibabahende mu bitero bazogira ,

  • Bamwe bahora bavuga ayamuhe ko ataco bandika. bamwe bigira abahinga ngi ni "chantage". ngo umuhinga Adolphe manirakiza yahora avugira igisirikare yavuzengo. Basha mumenyako igihugu cose gifise ubwigenge bwaco hanyuma mutahuke twubake igihugu catwibarutse. ubuhungiro burababaza. ayo mabi mwagiriza abandi ntimwibazeko bitababaje gukorera inteba ishushe abandi

  • Bamwe bahora bavuga ayamuhe ko ataco bandika. bamwe bigira abahinga ngi ni "chantage". ngo umuhinga Adolphe manirakiza yahora avugira igisirikare yavuzengo. Basha mumenyako igihugu cose gifise ubwigenge bwaco hanyuma mutahuke twubake igihugu catwibarutse. ubuhungiro burababaza. ayo mabi mwagiriza abandi ntimwibazeko bitababaje gukorera inteba ishushe abandi

  • Ni Bahembwe Kuko Barakoze Cenaled Yiyahure

  • Abobanyaburayi Nibatureke. imana yaremy uburundi niyizobutunga. bavyizeko basanga ntakindi gihugu cohashobora. imana niyiturinyuma nimvura izoyiduha.

  • Mbe Babandi Bamenyereye Kuvuga Aya Muhe Ko Ataco Baravuga Kuriyi Nkuru Barashimye?

  • NIBABAHE UTWABO NABANTU BABAGABO. BARIBIZI BATABAFISE KATACOKUNDA.

  • nibabahe birire ivyo babiriye akuya, nayabajarajara batzi kwigihugu c’uburundi ko bwikukiye babe barajarajara. mbe abantu bama bavuga ibinyegeje nuko baba batakiriko bararya ivyobintu. basirikare bacu nibirambire kurugamba, Imana irikumwe namwe

  • H.E. Nkurunziza mumasengesho aheruka haramajambo yavuze maze bamwe mubatazi ububasha bw’Imana bacabavuga ngwarabeshe abandi ngo yerekanye kwagomba ngogukora intambara biyibagizako iyowishize mumana urihagararira noneho Mushoboravyose akabariwe akurwanira.
    Rekarero ndababaze none mubonye amahera yabasirikare bu Burundi bagiye kugarukana Amahoro muri Somalia baribarimwe hari amasasu Nkurunziza yarinze kurasa ngobakunde bayabahe?
    Nkurunziza kandi yaravuze kwataworya ikintu cabarundi ngwagiherane. Etc.

  • NEZA CANA NDARYOHEWE

  • Mureke gusa Imbonerakure zibe entraines mubwinshi.
    Peter recoltera bientot ce qu’il a seme.

  • inzara yagiribice abamada maremare kobayatanze yamada agirasubire kuvyimba pee

  • Nashaka numve abo muri bamwe barwanya ubutegetsi ico bashikiriza.
    Ntanumwe avuga?????

  • After selling fake genocide in the West CNARED has lost credibility in eyes of Burundians. These mmuderers need to be taken before justice.

  • Barundi bene wacu, ntimushire cane ivyizigirn vyose kuvyasomaliya nico gituma nuwushaka kutunyanyasa aca avuga somalia ahubwo abarongoye igihugu n’umugambwe CNDD-FDD nibakore kuburyo itunga ryigihugu rigira umushinge muburundi apana muri Somalia kuburyo muri kazoza tuzovuga tuti kugira abasoda muri somalia nivyiza no kutabagirayo sibibi.ntimwtibagireko akimuhana kaza imvura ihise

  • Iyo ntumwa ya UA irabesha,Ubumwe bwa Buraya ntayo buzotanga, erega na Peter ntiyokura Abasoda muri Somalie,akari inyuma karahinda

  • CNARED yarumiye kuko ubu yifitiye izindi ngorane. Frodebu yavuyemo ubu bataye umutwe. Bari barikoze abadandaza ba genocide mubihugu bya buraya mumushinga bari bafatanyije na Kagame. None urudandazwa rwabo genocide ruri guhomba kweri. Bateye ikigongwe!!!

  • None Mwara Bitoreye Umut? Baremeye Kubahemba? Vyobavyiza Bahembwe.

  • Burundi Oyeeeee . Muvumilivu Hula Mbivu !

  • Imana Ihabwe Icubahilo Naguma Nsenga Kugila Bigende Neza None Ilanyichuye Ubulundi Nigihugu Imana Yikundila Ok

  • CNARED ni agatsiko k’abanyendanini(les vrais vrntriotes). Ayo mabandi ntayo dukeneye i Burundi...

  • Mbase vyagenzegute ngwabobarundi bahurikiye muri Sinahead bemerere Kagame ivyoyababwiye vyokuzabararirimba genocide!?
    Uwo mudayimoni wa Kagame bemereyiki kuwumufasha abobavukanyi bacu babarundi gayemwe kugezanaho ubu tubonamengo bataye imitwe iyotwumvise umurundi ashize mukajwi akaririmba avugango’ mu Burundi GENUCIDE!!!

  • IMANA IHABWE ICUBAHIRO UBUSHOMERI BURABABAZA. NIMUKOMERE NGABO ZIGIHUGU CACU.!

  • Nsanze abarundi benshi mukunda igihugu muhezagirwe natwe abari hanze yigihugu twipfuza gutaha gufashanya nabandi kubaka igihugu cacu amahanga Arababaza ncuti zanje

  • ico twagombakubaza nuko mwiradiyo twunise yuko abanyeshur bazokwig kuva7h:30 gushik13h:00 yuko atagusubirayo none kotuguma dusubirayo?biva kuki?

  • Ahubwo Baribaratebeje Gutoro Iyonyishu.Hamwe Vyogenduko Vyobavyiza Cane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.