Station MOGAS yo mu Kigobe yatewe n’umuriro

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 14 Ruheshi 2017 saa 11:07
Yasomwe : 10566
0 0

Umuriro wateye ahakorera "Station Mogas" muri karitiye ya Kigobe mu gisagara ca Bujumbura. Ibiro vy’umuyobozi w’iyo Sitasiyo nivyo vyahiye.

Uwo muriro watanguye nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota 30 z’agatondo ko kuri uwu wa gatatu, ukaba watanguriye mu biro vy’umuyobozi wiyo Sitasiyo. N’aho igiporisi kijejwe gukinga impanuka canyarutse kuzimya, ibintu vyari muri ivyo biro vyahiye biratokombora, nk’uko twashoboye kuvyibonera tuhashitse.

Amakuru ava ku begereye aho iryo sanganya ryabereye avuga ko uwo muriro woba wavuye ku muyagankuba.

Mu bintu vyononekaye muri iyo mpanuka y’umuriro, harimwo imashine nyabwonko yakoreshwa muri ivyo biro, hamwe n’impapuro z’akazi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha