Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sylvere NTAKARUTIMANA yahora muri CVR yabaye umuyobozi wa Radio (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Sylvere NTAKARUTIMANA yahora muri CVR yabaye umuyobozi wa Radio (...)

Sylvere NTAKARUTIMANA yahora muri CVR yabaye umuyobozi wa Radio ISANGANIRO

mardi 17 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Sylvere NTAKARUTIMANA arongoye insamirizi yigeze kuba ari umumenyeshamakuru wayo, akaba kandi yarabaye uwujejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe RCN Justice et démocratie.

Yarakoze kandi mw’ishirahamwe "Cosome" hamwe na Cord. Gushika kuri uwu wa kabiri yinjiye mu mabanga y’ubuyobozi bwa Radiyo Isanganiro, yari umuhanuzi mukuru ajejwe gutunganya ibikorwa (Conseiller principal en charge de la planification) mu murwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunyanisha Abarundi (CVR), akaba agiye mu kibanza cahoramwo Pascal NIYOYANKUNZE yari yahawe kuba umuyobozi w’imfatakibanza wa Radio ISANGANIRO haheze amezi atatu, inyuma y’ikurwa rya Samson MANIRADUKUNDA yahora ari umuyobozi w’iyo nsamirizi.

JPEG - 1.2 Mo
Sylvere NTAKARUTIMANA, umuyobozi mushasha wa Radio ISANGANIRO

Pascal NIYOYANKUNZE yahora ari umuyobozi w’imfatakibanza asubiriye mu mabanga yarimwo y’ukuyobora uruganda rw’itangazamakuru muri iyo nsamirizi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.