Accueil > Amakuru > u Burundi > Sylvere NTAKARUTIMANA yahora muri CVR yabaye umuyobozi wa Radio (...)
Sylvere NTAKARUTIMANA yahora muri CVR yabaye umuyobozi wa Radio ISANGANIRO
mardi 17 Gitugutu 2017, par
Sylvere NTAKARUTIMANA arongoye insamirizi yigeze kuba ari umumenyeshamakuru wayo, akaba kandi yarabaye uwujejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe RCN Justice et démocratie.
Yarakoze kandi mw’ishirahamwe "Cosome" hamwe na Cord. Gushika kuri uwu wa kabiri yinjiye mu mabanga y’ubuyobozi bwa Radiyo Isanganiro, yari umuhanuzi mukuru ajejwe gutunganya ibikorwa (Conseiller principal en charge de la planification) mu murwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunyanisha Abarundi (CVR), akaba agiye mu kibanza cahoramwo Pascal NIYOYANKUNZE yari yahawe kuba umuyobozi w’imfatakibanza wa Radio ISANGANIRO haheze amezi atatu, inyuma y’ikurwa rya Samson MANIRADUKUNDA yahora ari umuyobozi w’iyo nsamirizi.
- Sylvere NTAKARUTIMANA, umuyobozi mushasha wa Radio ISANGANIRO
Pascal NIYOYANKUNZE yahora ari umuyobozi w’imfatakibanza asubiriye mu mabanga yarimwo y’ukuyobora uruganda rw’itangazamakuru muri iyo nsamirizi.
Egide NDUWIMANA
Messages
17 Gitugutu 2017, 12:52, par BUSURAHENDE
Sylvere baramufashije cane kubera iyo CVR yahoramwo yarapfuye, barayihamvye no kuyigandukako vyaraheze.