Accueil > Amakuru > u Burundi > UE isaba sentare mpuzamakugu gutanguza amatohoza mu Burundi
UE isaba sentare mpuzamakugu gutanguza amatohoza mu Burundi
mercredi 25 Nzero 2017
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya risaba sentare mpuzamakungu n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe umutekano,gutanguza amatohoza vyihuta ku bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko ryisunze ivyegeranyo n’ibiharuro vyavuye mu matohoza ku bijanye n’ubwicanyi,ihagarikwa ,inyuruzwa ,ihohoterwa hamwe no kudahana,rishigikiye ihagarikwa ry’infashanyo mu bijanye n’amafaranga.
Inama nshingamateka y’isirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya irashigikiye ingingo y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,ikamenyesha ko ishigiye ingingo yo gufatira ibihano abarundi bagirizwa gusinzikaza agateka ka zina muntu.
Muri Reta y’uburundi bavuga ko inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya ikorera ku binyoma ,kuko ibintu vyateye imbere mu Burundi mu bijanye n’amahoro n’umutekano,n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.
IGIHE
Messages
25 Nzero 2017, 10:13, par Mwumba
Harageze vraiment, kandi ivyo turabishimye,ni mushengeze abo bicanyi baba DD, mugumye iyo mishahara y’Abasoda bari muri Somalie,hama inzara, umucafu mu bisagara,Cholera, n’ibindi bibazo vyinshi bibandanye vyiyongera, rero Peter Nkurunziza nagume hamwe rero,akari inyuma karahinda, Union Europpeene nta blague, fimbo chapa
25 Nzero 2017, 12:53, par Cobla Rouge
We Wiyita Mwumba Ubwo Urakwije Neza Mumutwe? Uti Abasoda Bari Muri Somalia Ntibabahe Amahera Yabo? Ntamugenzi Wigezuronka Mubagiyeyo Ngo Akubwire Uko Hameze? Nimba Uri Umurundi Ntamwanya Winkonda Ugihari Imbere Yokuvuga Ivyuvuga Uzozubanza Kubikosora.
25 Nzero 2017, 13:19, par Waro
Vyarabananiye Baramaze Guta Intumbero Bihaye Mu Gutanguza ONU.Ingingo Zafashwe Ni Nyishi Ntizije Mu Ngiro
25 Nzero 2017, 15:28, par .
Jewe umurundi nzi gutandukanya icatsi nururo ndasavye vyihuse umugabo wu mubiligi yitwa Louis Michel ubutungane mpuz’Amakungu bumukoreko amatohoza akwiye kubijanye namabi aheruka muburundi.
25 Nzero 2017, 15:31, par Hutsi
Mpejeje kumenya ko ubumwe bwaburaya ko buzova inyuma yuburundi nabarundi bubanje gusambuka kandi namenyeko hatazogera mumwaka wa 2020 butarasambuka.
25 Nzero 2017, 16:39, par Union Europeene
Ingeso yo kudahana iveko,banyarutse banyarutse,Yahya Jammeh yahora arongoye Gambie na Peter Nkurunziza w’u Burundi n’ivyegera vyabo bidatevye bazorengutswa i la haye kwa Fatou Bensouda,muga bahere kuba DD
25 Nzero 2017, 18:36, par Ikurakure Darius
@Hutsi,ugirango u Burundi busambuke k’angahe?bwasambutse kera, busambuwe na Peter Nkurunziza,erega Shetani iraganje mu Burundi,
25 Nzero 2017, 19:24, par Bosco
mweeeese abarundi muta akanwa k umukuru w igihugu mugashigikira abazungu ,mwibagiye ko abazungu aribo baduteranya?tuzopfa turyana tutamenya igituma.Nimwaba mufise ubwenge mwiyumvire kur,ubu butumwa bwanje.Mbega ni bande bishe rwagasore?Bamwishe kuber,iki?uwufise umutwe ukora neza ntiyoshigikira abanyamahanga,uwubashigikira nawe ahiga ugutwara igihugu ’agite mu manga k ubukunzi bwinda.Abo bose nta n1afise umuryango m uburundi bahunze amahoro.
25 Nzero 2017, 21:43, par Hutsi
Wewe Ikurakure, subira usomeneza ivyonanditse kugirabikurinde guserura ivyo wifuza.
25 Nzero 2017, 22:47, par Mwumba
@Cobla Rouge, Abasoda bari muri Somalie agahembo kabo bazokaronswa muga bitaciye muri finance ya Leta ivyo UE yaravyanse izuba riva,ikindi naco izo nkonda uvuga je ndi umukukuruke nzi vyinshi kibondo, inumire
26 Nzero 2017, 02:47, par Ntakirutimana Jonatan
Turashima ibihano vyafatiwe Nkurunziza Petero bijanye nimfashanyo zava mubihugu vyaburayi, tukanasaba kwongereza ibihano kuraba bategetsi bahano muburundi, kuko hamwe batohanirwa amabi bariko barakora unomusi, ivyo kurwanira agateka kamuntu bizoba vyabananiye. Ivyomusaba navyo vyamatohoza yoba hano muburundi, sinzi, kuko abategetsi bahano kuvyemera bizobagora kuko beshi muribo bafise uruhara runini mwihohotera ryagateka kazina muntu!, ikiriho nukwongereza inguvu kubihano ivyo nivyo bizobagondoza kwemera kwabahinga karuhariwe mugutoza, kuza hano, ntawundi muti uriho woshobora kuvura nkurunziza nakagwi kiwe.
26 Nzero 2017, 16:22, par Cobla Rouge
Mwumba Ntibitanganje Vraiment Kuba Wavuzeko Urumukukuruke, Urimuri Retour D’ Age Birumvikana. Ariko Wumveko Atari Kuri Yangoma Yiwanyu Turakanura Hakuna Kulala. Fungua Macho Uwone Mbereako Arafu Utulie.
26 Nzero 2017, 20:09, par warumonge
ARIKOHAKWIHENDAMUKWANDIKA WOPFUMAWIHEKURA TESWEMUTEVYOSHENIMANA
27 Nzero 2017, 05:22, par Minani Willington
Mbega Hobica NYakwigendera Ndadaye Ivyo Bihungu Vya Burayi Vyahe?Twarabahiye Ibisigaye Kubaho Kumuswi Simpuhwe Za Akaca Iyaremye Uburundi Na Barundi Irababona