IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amerika isaba ko abishe umushikiranganji Emmanuel Niyonkuru barengutswa (...)

Amerika isaba ko abishe umushikiranganji Emmanuel Niyonkuru barengutswa imbere y’ubutungane

mercredi 4 Nzero 2017

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko ziteye ivyatsi ubwicanyi bwahitanye Emmanuel Niyonkuru yahora aramutswa ubushikiranganji bw’ibidukikije , amazi no gutunganya ibisagara.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umuvugizi wa Reta ya Amerika John Kirby,Reta Zunze Ubumwe za Amerika imenyesha ko yifatikanije n’umuryango n’incuti muri bino bihe bitoroshe bariko baracamwo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje koihojeje kandi Reta y’Uburundi n’abanyagihugu bose, igasaba ko abakoze ubwo bwicanyi barengutswa imbere y’ubutungane bidatevye.


IGIHE

Messages

  • America, turabasaba ubufasha canecane abobantu baba mubihugu bimwebimwe birirwa bapanga bongera barondera amahera yoguha abazagushira mungiro ubwobwicanyi, ikindi habibiganiro bihuza ububirigi nu Burundi, hongere habibiganiro vyihuse bitarenze amezi 6 canke bitarenze this coming summer bitabaye ivyo ivyuburundi nurwanda mumpera zuyumwaka ntakibuza biraba urudubi nimba menye ibanga murambabarira nuko mbona ivyomvuze bibaye vyofasha gukinga amabi mwivyobihugu vyose nibindi ntashoboye kumenya kuko hariho ibizohitamwo gushigikira uyu nuriya.

  • @. murinda murindira impera zumwaka kuberiki? mwaje nejo ko aribwo sawa tukabereka ibitutsi muhora mutuka my HE tukabihorera aho byoba bitugeze , gusa umurongo ntarengwa waraciwe , imbwa yumusega imokera murugo kandi izinze umurizo mumaguru.

  • Hewe wiyise turaje, ntubona ko uriko uvuga Ubujuju, uwo wita HE ushaka kuvuga Kagame, hewe uramubwira yuko ikintu cose ko gifise itaguriro kandi kigagira iherezo. Hewe urabura kutaraba ubuzima bwawe, ugire ico wiyunguye ko kuko ejo haza ashobora kwica wewe kuko ntakinya afise. Noneho arafise iminsi yiwe gaha kw’ isi. Aha kw’isi umuntu ahatiye indaro.

  • Banyakubahwa bomuri Marekani ntatohoza ngaha mu Burundi!,kuko uyu mushikiranganji yagandaguwe nabo mubihangange mugi porisi nomuri Reta, kuko yarasazwe afise ibibazo bijanye namatongo, bapfa nabamwe murabo bategetsi,none vyoshoboka gute kobitohoza?,ngahiwacu muburundi ntabajejwe amatohoza tugifise, abotohoje nibo bicanyi bakomeye mukuba karuhariwe mukwica. Abandi botohoje baraturatujwe barinyuma yigihugu, nayobobantu bafashwe nikubahohotera ntanakimwe bagira kuribo,kuko bamwe bari bibereye kukazi kabo nukubana ntibabana ntanico bapfa nawe, none babafashe bisunziki?, ico ndacita gukingira abishe, abishe nabo bidegevya. Ubwubona uburundi nubwokubamwo uwutafise ishavu, uwavuze atewe nararavye ndabonaaaaaaaa akumiza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.