Ubuhinga bwa none buri mu vyofasha ubugenduzi bukuru bwa Reta

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 13 Nyakanga 2017 saa 12:50
Yasomwe : 4788
0 0

Mu ntumbero yo kugwanya ibikorwa vyo kunyuruza itunga rya Reta, igiturire hamwe n’uburongozi bubi, ubugenduzi bukuru bwa Reta bwaratunganije inama yo gukarihiriza ubwenge abagenduzi bakuru bo muri co gisata, ku bijanye no kugenzura ivy’ubutunzi hamwe n’ibijanye kugenzura ko ibikorwa vya Reta bikorwa neza hakoreshejwe ubuhinga bwa none bukoreshwa ku rwego rw’isi.

Umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye, Serges NDAYIRAGIJE, mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iyo nama, yamenyesheje ko inyigisho abagenduzi bakuru ba Reta bazoronka muri iyo nama yo kubakarihiriza ubwenge yatanguye kuri uwu wa kabiri, ko izofasha igihugu c’Uburundi kuja ku rugero rw’ibindi bihugu, na cane cane mu gukoresha ubuhinga bugezweho mu kugenzura ibikorwa vya Reta muri rusangi, gutyo babone gusezerera ibikorwa vyo kunyuruza itunga rya Reta, kugwanya ibikorwa bijanye n’uburongozi bubi, hamwe no kugwanya igiturire.

Tubibutse ko iyo nama igira iya 22, ikaba yategurwa ku rwego rw’isi mu mugambi wo gufasha inzego nkuru z’igisata c’ubugenduzi bukuru bwa Reta mu mugambi wiswe (Programme 3 i, ISSAI Implimentation Initiative) ukoreshwa mu buhinga bwa none mpuzamakungu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha