IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Afrika bwiyamirije ivyasabwe n’ubumwe bwa Buraya

Ubumwe bwa Afrika bwiyamirije ivyasabwe n’ubumwe bwa Buraya

lundi 14 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika (Union Africaine) ryamenyesheje ko ridashigikiye ivyasabwe n’ubumwe bwa Buraya, ko amafaranga y’imishahara y’abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya atosubira gucishwa mu kigega ca Reta y’Uburundi. Ubumwe bwa Buraya bwasabwe gusubiramwo iyo ngingo.

Mw’itangazo ryasohotse inyuma y’inama yabereye i Addis Abeba kuri uwu wa gatanu, yahuje abaserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, hamwe n’abakuru b’ibiro bikuru vy’igisirikare c’ibihugu vyarungitse ingabo muri Somaliya, abari bitavye iyo nama bamenyesheje ko biyamirije ingingo y’ubumwe bwa Buraya y’uguhemba abasirikare b’Abarundi, amafaranga yabo adacishijwe mu kigega ca Reta. Abari muri iyo nama barashimye kandi utwigoro tw’abasirikare b’Abarundi bari muri Somaliya, bamenyesha ko mu gihe iyo ngingo y’ubumwe bwa Buraya yoshirwa mu ngiro, vyogira ingaruka mbi ku bikorwa vy’abo basirikare, hamwe n’intambwe umutekano wa Somaliya wari ugezeko. Uburundi bwari bwaserukiwe muri iyo nama na Général Prime Niyongabo, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare.

Reta y’Uburundi yaheruka gushikiriza ko itarota yemera ko imishahara y’abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya ibashikira itabanje gucishwa mu kigega ca Reta y’Uburundi.

Umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE avuga ko ivyashikirijwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, ko imishahara y’abasirikare b’Abarundi bari muri Somaliya izohora ishikirizwa abo basirikare nyene itabanje gucishwa mu minwe ya Reta y’Uburundi bidashoboka, kuko amasezerano y’ukurungika abasirikare muri AMISOM avuga ko ingabo ziguma zihembwa n’ibihugu vyazirungitse.

Kubwa Emmanuel NTAHMVUKIYE, mu gihe ayo masezerano yohinduka abasirikare b’Abarundi bagahembwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, vyogira ingaruka zikomeye ku burongozi hamwe n’indero, kuko nk’uko yabishikirije, umusirikare iyo utakimuhemba biragorana kumusuzuma hamwe n’ukumugenzura mu bikorwa vyiwe.

Uburundi bufise muri Somaliya abasirikare bagera ku 5.400 barungitswe kurwanya ibikorwa vy’iterabwoba vy’abarwanyi ba Al Shabab. Uburundi nico gihugu kigira kabiri gifiseyo abasirikare benshi inyuma ya Uganda.


IGIHE

Messages

  • Mbe aho mubategeka amahera sayabo eraga bobo ntibameze nkamwe mwama muriko mukingiranira ikibaba bukozi bwikibi nico gituma mugihu cacu atamahoro aboneka nuko mwabonye abana bacu mwirirwa mukoresha murayo manyanga yanyu bicwa mwiraramiye baheza akaba arimwe muhembwa jewe nashaka gusaba eu ngwahubwo Ayo mafaranga iyahagarike gose hanyuma abasirikare bacu batahuke kuko nino umutekano turawukeneye baze gufasha igihugu cabibarutse kumbe niho UA yananiwe nukurungika inteko ibihumbi bitanu zoza gutabara abarundi kwari ukugirango babandanye bakoresha ingabo zacu nkabacangero kubwi nyungu zabo ninaco gituba vyabananiye guhatira nkuru nakarwi kiwe mubiganiro ngubwicanyi ariko arakora buhagarare nuko baziko yirirwa ararungika imisore yacu ninkumi nkibimazi munyungu zabo icobomenya igisirikare sicumuntu canke akarwi twebwe abarundi turasaba dushimitse ko izo ngaho zotahukanwa zikaza gucungera umutekano wigihugu no guhagarika ubwicanyi nakandi karenganyo vyabaye ndase nga mugihugu cacu ahubwo ityo shirahamwe Eu rikwiye no guhagarika amahera yose riha ivyo bihugu kuko atakindi kibaraje ishinga Atari inyungu zabo bwite aho kwita kubanyagihugu bavyo iyo ngendo yo kuba baniryo kubera amaronko tura yiyamirije

  • abanyaburaya barasuzugura cane ibihuguvyafrika iyobafashe ingingo bashaka ntivuguruzwe muburundi sukobiri iyomishahara yizongabo base kwica murireta yabarungitse retayuburundi ifise uburenganzira bwogukura yingabo zabo ndibazako somaria ntivyoyorohera kuko izongabo zifatiye runini abanyagihugu basomalia

  • Alexandre, ni uko womenya kuvuga ukuri kandi ukakugendera. Ibiheruka gushika mu Burundi , wewe nyene urazi ababiteye, na wewe ngira woba warimwo. Nicahe gihugu cokwemera ko intahe yaco yokwikukira ihonyangwa? Uburundi igihe bwemera kuringika abasirikare muri Somaliya habanje kuba amasezerano hagati yabwo na Union Européenne. Ayo masezerano niyo agenga kandi ibihugu bindi vyarungitseyo i ntwaramiheto. Igihe rero EU yorondera kuva muri ayo masezerano canke kuyahindura ntiyoyahindura canke ngo iyahagarike k’ Uburundi gusa; yifata ivyo bihugu . Ingingo yose nshasha yofatwa bubanza kuyumvikanako

  • Africa igiye hutangura kwubahwa nivyobihungu vya Bulaya kuko Africa iriko irerekana ko atari continued itwarirwa muri continued ya Bulaya ko abanyafrika batanguye kubabeshi bihagararako ndibaza ahasigaye bameze nkuyu TARI ntibabuze ariko nibake buzogenda bukosorwa gakegake.

  • Mura Humba Abarundi Nanyafirika Muritoreran Ungu ninga Ntaco Avuga Uwo Emanweli Nta Nintaro Asho Boye Gute Numuturagi Ivyagirena Birekere Abizi Nayoabazungu Ntimubakanga Amahera Nayabo Nivyo Vuma Bakoresha Amahera Nirwabo Nashigiye Unio Er Aho Bwo Iyo Ingingo Nifatwe Naco Mutu Mari Twe Bwe Anta Co Mutumariye Abanyafirika

  • Ariko abany’africa baratwenza,ko bama biyemera ko bikwije ni babagumizeyo babihembere bareke kuza baratumaramaza batanga amategeko ku mafaranga atari rwabo,erega ni kubumva baraherewe ntibakironka ayo baterura ,umushikirangaji w’umutekano ejo bundi yarinze aja gufatirako inkoho abantu bicaye mu ndege,ariko mubona ko umuzungu ari ikijuju kuburyo hari n’uruceri rwiwe yosubira kumucisha mu minwe!!!!

  • Burayi Kurayubwobucafu Bagwe Ahabandibaguye Iyomihimbiri

  • Emwe Afrika We Kumbe Nicogituma Iguma Mubibazo.Bore Abazungu Bakifatiringingo. Uziko Vyogizico Bihindura,kumbe,reta Ekemera Kuganira Nabo Batavuga Rumwe.Natwe,tukironkera, Amahoro!Emwe :Biragoye.

  • ESENKAWE WIYITAMAGI UTAKA INGABO ZUBURUNDI URUMUSAZI KUKO NTUKOMEYE UKWIYE NOKUVA KWIYISI UMUNTU URARABUSA NIWE URUMUHINBIRI WANTOZOWE CHATUZOKWIRUKA NPAKA NAHE

  • NIJEWE,RIONERI,WATANZANIA,NAVUGAKO,ABOBARINDI,MWOGIRA,UBUTARATIBU,MUKABAKURAMURI,SAMARIA,MUNYUMAYAHO,UZOGENDA,MURISAMARIA,BACEBAREKAKUBAHEMBA,KUBERA,SAMARIA,NABO,BITEZA,AKAMO,BAKABAFASHA,ABAZUNU,MURARABANEZA,

  • NIJEWE,RIONERI,WATANZANIA,NAVUGAKO,ABOBARUNDI,MWOGIRA,UBUTARATIBU,MUKABAKURAMURI,SAMARIA,MUNYUMAYAHO,UZOGENDA,MURISAMARIA,BACEBAREKAKUBAHEMBA,KUBERA,SAMARIA,NABO,BITEZA,AKAMO,BAKABAFASHA,ABAZUNU,MURARABANEZA,

  • Afrika turi Bato cane gose kabisa, kubona aba nyabulaya bishinga gutwara afrik bayitegeka uburundi ntibukemere ivyo!!
    ariko uyumuntu Bita #Tari sinemerako Atari mubakora umwicanyi bwomuburundi

  • Kumbe abanyaburaya barabasumba kurya inka isumbimpene, mutaronse uduhera tuvuye iburaya imvunja zoca zitonda kubirenge!. Aba nyaburaya nibahagarike ayo mahera barungika, canke abobasoda bagiye murisomariya nibasubizwe iwabo, kuko ntawutanga icadafise.Iryo shirahamwe rya frika ryarashaje ntaco rikimaze kuko risa nirishigikiye abicanyi, ntibigiseseswa urumuri.nsubiyomwo ayo mahera ya hebwa abasoda babarundi nti yarakwiye guca mukigega careta, kuko niyo asazwe afasha reta ya hano guhungabanya umutekano wa banyagihugu, muguhemba imbonerakure, hamwe ninterahamwe zinjijwe hano muburundi. I ryo tangazo ryubumwe bwa frika turaryiyamirije ntacorimaze kuburundi.

  • Nibakureyo abasoda b abarundi hanyuma bajane muri somalia aba nya buraya. bobo ntibazi kurasa?

  • Nibakureyo abasoda b abarundi hanyuma bajane muri somalia aba nya buraya. bobo ntibazi kurasa?

  • nibabakureyo ntaco bakorayo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.