Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya busanga kahise kabwo kobera icirwa Uburundi
Ubumwe bwa Buraya busanga kahise kabwo kobera icirwa Uburundi
mercredi 10 Rusama 2017, par
Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 9 Rusama 2017, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryahimbaje imyaka 60 iheze hatewe umukono ku masezerano arishiraho. Mw’ijambo ryashikirijwe na Wolfram VETTER aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya mu Burundi, yamenyesheje ko intambara zibiri z’isi yose zabaye mu kinjana ca 20 zikwiye kubera icirwa Abarundi barondera amahoro arama, bakabona ko ugusubiza hamwe ariwo mushinge w’amahoro n’iterambere. Ubumwe bwa Buraya bugatanga akarorera k’ibihugu vyarabana nk’abansi mu ntambara z’isi yose, ariko ubu bikaba bishize hamwe.

Kubwa Wolfram VETTER, kugira indyane n’ubugizi bwa nabi bihagarere, umwe wese akwiye kwemera aho yihenze, akemera n’uruhara yagize, mu nyuma impande zose zikagira ugushaka kw’ugusubiza hamwe.
"Nico gituma ivyo Uburaya bwaciyemwo bidutuma tugaruka cane ku kamaro k’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi. Twizera ko ibikenewe vyose kugira uwo murwi ukore neza akazi kawo bigiye kuboneka vuba.", uko niko uwuserukira ubumwe bwa Buraya mu Burundi yabishikirije, akaba mbere yamenyesheje kandi ko ubumwe bwa Buraya bushigikiye ibiganiro bidakumira bihuza Abarundi birongowe n’umuhuza Benjamin MKAPA hamwe n’umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta Museveni.
Abegwa n’ikibaza ca poritike y’Uburundi basabwe kwerekana ugushaka bafise, kugira bitabe ivyo biganiro ataco barinze gusaba.
"Ivyo biganiro bitegerezwa gushika kurupapuro rw’inzira rwerekana ingene Uburundi bwova mu ndyane burimwo."
Uwaserukiye Reta y’Uburundi, umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE yamenyesheje mw’ijambo yashikirije ko Uburundi buzobandanya kwitaba ibiganiro, kandi ko n’amahoro ahari. Yasavye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ko ryohagarika ibihano vyafatiwe Uburundi ku bijanye n’imfashanyo ico gihugu cahora gihabwa n’ubumwe bwa Buraya.
NDUWIMANA
Messages
10 Rusama 2017, 15:53, par Turamahoro
Uburundi Buratekanye Ababonako Budatekanye Abahenze Nabamwe Bamenyereye Gutuburundi Mumanga Mukwicindongozi Zuburundi
10 Rusama 2017, 16:01, par tororo
Oya murishoboye nti mutangure gutakamba muraba mwumvise ico yababwiye mudasavye ikigongwe kumabi muri gukorera abarundi karababanye
10 Rusama 2017, 16:16, par Hutsi
Umuririmvyi wumunyarwanda niwe yaririmvye ngo bavug’Amahoro bahishe imihoro inyuma!
Murumbise ayomajambo yuwo munyaburaya gayemwe!
Wewe wokwipfuriza abarundi amahoro ukongera ugahumwanya wabavuga ngo bafise abasoda bokurwanya uburundi ngobashika 8000!?
Mwumvise kakajambokabo ngo ibiganiro bidakumira bamwe twatuma gutembagaza ubutegetsi bikabananira!?
Ivyonivyo uryamunyarwanda yaririmvye avugako hariho abavuga ivyamahoro kandi bahishe imihoro inyuma.
10 Rusama 2017, 18:45, par Mediator
Ibiganiro bidakumira sintahuye ???? Abahunze ngo bipfuza Leta z,ama coup d,etat kandi ntibashaka kubona amoko hose muri Leta ivyo navyo ntibigishoka, amase ya kera ntagihoma urutaro. Ariko bogaruka bagasaba imbabazi abarundi baciriye icobo Imana igacira icanzo vyoba mitende!!! Amahoro Imana yaramaze kuyaha abarundi kuko igisoda arinayo ntambamyi nyamukuru mu amahoro kuva kera caratunganye ibisigaye nibito!!!!
10 Rusama 2017, 20:34, par Nadia
Nyirabayazane Nivyo Bizungu Nyene Ahubw Nibizibe.Sivyo Batuzanyemw Ivyamoko?Naho Batabivug Muburundi Harikibazo Camoko Nico Gitey Izingorane Zose Nivy Twibonera Bashats Guhirik Ubutegets Kubera Hatwara Umuhutu Motif Ngo Niyombare Numuhutu Mugab Barikumugra Ukundi Uwundi Naw Yagumy Kubutegets Kubera Ubwoko Ngo Ntagisubiz Abatutsi
12 Rusama 2017, 07:50, par kkkk
Uburundi kubutwara biroroshe cane witwaje amoko, Nkurunziza azobatwara gushika abarundi basobanukiwe ko amoko ataco amaze. Ninde wababwiye ko abatavuga rumwe na Reta ari abatutsi canke ko arukubera hatwara umuhutu?
12 Rusama 2017, 19:10, par anna kana
None murasubiye kuvuga ngo babakureko ibihano kandi mbere mwavuga ngo Uburundi burikwije kandi bivuzwe nuwari yabishituye nyene! Yooooh, birabagoye, mwaneye aho mutema!!