IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bubandanya gusaba isubirizwa rya Jamal Benomar

Uburundi bubandanya gusaba isubirizwa rya Jamal Benomar

mercredi 22 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi ibandanya gusaba isubirizwa rya Jamal Benomar, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, ajejwe gukemura amatati mu karere Uburundi buherereyemwo.

Mw’ikete Albert SHINGIRO aserukira Uburundi muri ONU yandikiye Antonio Guterres umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yamwibukije ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari yarandikiye uwo Guterres yasubiriye, amusaba isubirizwa rya Jamal Benomar. Reta y’Uburundi isaba rero uwo yasubiririye Ban Ki Moon ko yokorana n’Uburundi kugira ivyo vyasabwe bishirwe mu ngiro mu kiringo ca vuba, impande zompi zibanje kwumvikana, mu ntumbero y’ukubandanya imigenderanire hagati y’Uburundi n’ubuserukizi buri i Bujumbura, bw’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, ajejwe gukemura amatati mu karere Uburundi buherereyemwo.

JPEG - 36.6 ko
Jamal Benomar

Kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu 2016, Reta y’Uburundi yandikiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU, imenyesha ko itagishaka kubandanya gukorana na Jamal Benomar, umuhuza yashizweho na ONU kugira akurikirane ibibazo vya poritike y’Uburundi. Ico gihe, uwo muhuza yaheruka mu Burundi mu kwezi kwa Gitugutu, aho yabonanye n’abegwa n’ibibazo vya poritike y’Uburundi. Iryo kete ryanditswe mu gihe hari hitezwe mu kwezi kwa Nzero 2017, ibisikanya ku burongozi bwa ONU hagati ya Ban Ki-Moon yaheruka guheza ikiringo ciwe, hamwe na Antonio Guterres yaheruka gutorwa mu mabanga y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Kubwa Reta y’Uburundi, uwo mwanya w’ukurindira iryo bisikanya wari akaryo keza k’ukugena n’uwundi muhuza wa ONU mu bibazo vya poritike y’Uburundi, ariko akaba atacakozwe muri uwo mwanya mu bijanye n’iryo subirizwa rya Benomar. Ahubwo ku ruhande rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bamenyesheje ko uwo muhuza agifitiwe icizere n’iryo shirahamwe, kandi ko abandanya amabanga yashinzwe, nk’uko vyavuzwe na Farhan Haq, icegera c’umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Reta y’Ubuurndi ikaba yasubiriye kwandika yibutsa ivyo yari yasavye.

Jamal Benomar hamwe na Ibrahima Fall aserukira mu Burundi ashirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bikekwa ko aribo basavye umuhuza MKAPA ko yotumira mu biganiro biheruka kubera i Arusha, abagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Mu gihe ivyo biganiro vyariko birabera i Arusha, amwe mu mashirahamwe avuga ko adaharanira ivyicaro vya poritike yaratunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza ivyo biganiro. Muri iyo myiyerekano, ayo mashirahamwe yasavye Reta kutazokwemera ibizova muri ivyo biganiro, bongera biyamiriza Jamal Benomar.


IGIHE

Messages

  • Mbega barundi mwiyumvira ko kudadika bizozana umuti muki,

  • Ngo ntibazoganira n’abashatse gusenyura inzego. Ngo ibwirizwa nshingiro ritegerezwa guhinduka. Benomar ngo ntibamushaka n’ibindi nibindi. Muzokwiteza utunyoni kugeza ryari? Heba iyo mikino y’icana

  • Erega mpora mbagira inama mwe Barundi ikintu mugomba kumenya nuko ibibazo BYANYU arimwe ubwanyu mugomba kubikemura kuko abo mikeka ko bazakemura ibibazo BYANYU nyabyo bakemura kuko Sibomana niwabo birahuzuye cyane ko ari nayo soko y’i bibazo by’abanyafurika Ka mbahe URUGERO; 1-mu mwaka 1994 mu Rwanda ubwo Genocide yakorwaga UN yari ihari ntacyo yakoze kandi abantu baricwaga bu Nyamaswa . Ariko UN Ntacyo yakoze none mwibaze mwe barundi ese ubwicanyi buri iwanyu bungana n’u bwari mu Rwanda kuburyo UN iri bubone ko byarenze inkombe ibyo mu Rwanda bagahita babatabara? 2- Iyo Arusha muvuga niho hashyizwe urukiko rukurikirana aba koze Genocide mu Rwanda , nyamara kugeza ubu urwo rukiko nirwo rwahoraga rutinza imanza kuburyo hari nabo rwafunguye benshi bakoze bakanategura genocide . None ngo abo mwirimgira nibo baza gukemura ikibazo cyiburundi ? Ahubwo inama nabagira niba hari ibyo mupfankabarundi mukwiye kwicara hasi mukabikemura , nkuko abanyarwanda twicaye tugakemura ibyacu amahanga yose yadutereranye kandi ubu mu Rwanda ntakibazo ubu turatuje turatuye kandi turatunganiwe . Ndanjije mbashira murakoze mwese imana ibahe umugisha mwinshyi

  • Erega mpora mbagira inama mwe Barundi ikintu mugomba kumenya nuko ibibazo BYANYU arimwe ubwanyu mugomba kubikemura kuko abo mikeka ko bazakemura ibibazo BYANYU nyabyo bakemura kuko Sibomana niwabo birahuzuye cyane ko ari nayo soko y’i bibazo by’abanyafurika Ka mbahe URUGERO; 1-mu mwaka 1994 mu Rwanda ubwo Genocide yakorwaga UN yari ihari ntacyo yakoze kandi abantu baricwaga bu Nyamaswa . Ariko UN Ntacyo yakoze none mwibaze mwe barundi ese ubwicanyi buri iwanyu bungana n’u bwari mu Rwanda kuburyo UN iri bubone ko byarenze inkombe ibyo mu Rwanda bagahita babatabara? 2- Iyo Arusha muvuga niho hashyizwe urukiko rukurikirana aba koze Genocide mu Rwanda , nyamara kugeza ubu urwo rukiko nirwo rwahoraga rutinza imanza kuburyo hari nabo rwafunguye benshi bakoze bakanategura genocide . None ngo abo mwirimgira nibo baza gukemura ikibazo cyiburundi ? Ahubwo inama nabagira niba hari ibyo mupfankabarundi mukwiye kwicara hasi mukabikemura , nkuko abanyarwanda twicaye tugakemura ibyacu amahanga yose yadutereranye kandi ubu mu Rwanda ntakibazo ubu turatuje turatuye kandi turatunganiwe . Ndanjije mbashira murakoze mwese imana ibahe umugisha mwinshyi

  • NUKURI IKIZOKIZA UBURUNDI NUKUMVIKANA TUTAGIRIZANYA CANK TWITEZA UTUNYONI!INAMA NYINSHI MWARAZIBWIWE,CANE CANE IZA BANYENICUBAHIRO:ABEPISKOPI GATOLIKA B’I BURUNDI CANE IZA NYENICUBAHIRO SIMON NTAMWANA,UMWEPISKOPI MUKURU WA GITEGA!REKE KUDADIKA ABARUNDI BARARUSHE N’INZARA,UBUKENE,AMATATI,UBUHUNZI,URUHAGARARA,INTUREKA ZA POLITIKE,GUSUBIRA INYUMA MU ITERAMBERE,...,EREGA NTAWOKWIYUMVIR ARI UMWE NGO YIZIRIKE KU VYIYUMVIRO BIDASHIKA WENYENE ATANUMVA IMPANURO!VENI CREATOR!AMEN!

  • Jewe reta ya Nkurunziza irantangaza mbega bagomba kwibaza yuko ONU ari zambonerakure bategeka ati genda mwice zigaca ziruka kwica?, bisazwe bizwi yuko reta yahano mu Burundi ari reta ya babantu badashoboka!, ati kuki? iyo bumvise uwushatse kuvugukuri, kubibera hano mu Burundi, uyo bacabamwiyamiriza. Kubwivyo kwi yamiriza Jamal Benomar, nukubera avugishukuri kuvyahano muburundi, uwomushingantahe ya tumwe na ONU nabandanye amabanga ya shinzwe nabamutumye.Nayubwoshirahamwe bwirirwa mumabarabara nuguhuma amaso amakungu samashirahamwe! nimirwi yashizweho na Nkurunziza yo kumushigikira mubutumva bwiwe!, kuko bose nabasazwe ari basomambike kuri Petero Nkurunziza. Hamwe nivyo batamushigikiye utwo yahora abaterera ntiboba bakituronse,kuko bafashe wamugani ugayitse ngo hagupfa wohemukaaaaa.

  • The called Government ibura kwiyamiriza le footballeur yatembagaje ubutegetsi muguhonyanga ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha, bazohava biyamiriza mumisi iza Imana yabavumye kubera bama baranywa amaroso y’abana bayo!!! Abo ba cannibals imisi yabo iraharuye!!! Mbabazwa nabo ba Taxi vélo, na Taxi moto babuza kwihigira utwobafungura iyo Njangwa ( Bécaud) ikabamiza mwibarabara ngo ifise amashirahamwe aharanira inyungu za DD! Iyo nzara nimbi!!! Shame on him! God damn the DD system!!!

  • Uwondamwibuka asemerera yagiriza uburundi nabarundi ngobarakoze GENUCIDE!

  • Ndibaza nimba aba biyita abategetsi b’Uburundi harimwo abaciye kw’ishule bikananira gutahura . Arko biratahuritse nta migisha woronkana amaraso ya buri munsi . Inzira za Diplomaties ntibazi namba ,

    Umengo n’inyamaswa zo mwishamba .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.