IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Uburundi bubandanya kwitegurira kwakira inama ya COMESA" - Jean Claude (...)

"Uburundi bubandanya kwitegurira kwakira inama ya COMESA" - Jean Claude KARERWA

mardi 1er Myandagaro 2017

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abongereza BBC kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017, Jean Claude KARERWA NDENZAKO avugira umukuru w’igihugu c’Uburundi yavuze ko muri iki gihe, umushikiranganji w’ubudandaji mu gihugu ca Madagascar, umushikiranganji w’ubudandaji mu gihugu c’Uburundi n’umushikiranganji w’ubudandaji mu gihugu ca Etiyopiya, aribo bonyene bashobora gufata ingingo yo guhindura ahabera inama ya COMESA.

Muri ico kiganiro, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yavuze ko Uburundi butarananirwa no kwitegurira kwakira inama ya COMESA kandi bubandanya kwitegurira kwakira iyo nama igira 19 ya COMESA bitegekanijwe ko ibera mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika kurya 19 Gitugutu 2017.

JPEG - 937.1 ko
Jean Claude KARERWA,umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA NDENZAKO yavuze ko Uburundi bwiteguye ku mpande zose, kuko ibisabwa vyose bikwiye, kuko ku makenga y’ivyumba biri mu mazu yakira ingenzi, umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko hari ivyumba 40 bishobora kwakira abakuru b’ibihugu hakaba n’ivyumba 1000 bishobora kwakira abandi banyacubahiro boza mu nama ya COMESA.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu avuga ko abahaye amakuru umunyamabanga mukuru wa COMESA Sindiso NGWENYA ,ari abashatse kumushira mw’ikosa, abo nabo kubwiwe, ni ibihugu canke amashirahamwe adashakira ineza igihugu c’Uburundi.

Mw’ikete umunyamabanga mukuru wa COMESA yandikiye umushikiranganji w’ubudandaji w’Uburundi kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro 2017, Sindiso NGWENYA yamenyesheje ko igihugu kidakwije ibisabwa kugira gishobore kwakira inama ya COMESA igira 19.

Muvyo Uburundi budafise, umunyamabanga mukuru wa COMESA avuga nk’amahoteri adakwiye y’ukwakira abo bakuru b’ibihugu, umutekano, amazu (Salles) yokwakira abo bategetsi, urugero (Débit) rwa "Internet" ikenewe muri ayo manama rudakwiye, hamwe imiduga y’ukwunguruza abo bategetsi idakwiye.

Kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2017, umunyamabanga mukuru wa COMESA ari kumwe n’umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi mu Burundi Pelate NIYONKURU, barashize umukono ku masezerano yemerera Uburundi kwakira inama ya COMESA mu kwezi kwa cumi.

JPEG - 35.9 ko
Umushikiranganji w’ubudandaji ashira umukono ku masezerano yo kwakira inama ya COMESA

Ahejeje gushira umukono ku masezerano, umushikiranganji Pelate NIYONKURU yari yavuze ko iyo nama ari ngira kamaro ku Burundi, kuko igihugu kizoharonkera amafaranga y’agaciro kandi kazoba n’akaryo ko kwerekana ishusho nziza y’Uburundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.