Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Uburundi burabeshuza amakuru avugwa ku masezerano y’ugufashanya n’ikigega FMI
Yanditswe taliki ya 26-10-2016 - isaha 15:19' na IGIHE

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwabeshuje amakuru ariko acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi, avuga ko ikigega mpuzamakungu FMI (Fond monétaire International) gihagaritse amasezerano y’ugufasha Reta y’Uburundi. Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko abatanga ayo makuru ari abadashimishwa n’ibikorwa Reta y’Uburundi iriko irarangura.

Ayo makuru yavuga kandi ko amafaranga y’ideni Reta y’Uburundi ifise muri banki nkuru ya Repuburika y’Uburundi ari menshi, ko ifaranga ry’Uburundi rigiye gutakaza agaciro.

Desiré MUSHARITSE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta ashikiriza ko abatanga ayo makuru ari abadashimishwa n’ingene Uburundi bwifashe muvy’ubutunzi, hamwe n’ingene Reta iriko iravyifatamwo muri iki gihe abahora bafasha Uburundi bakuyemwo akarenge.

JPEG - 5.4 Mo
Desiré MUSHARITSE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta buvuga ko ifaranga ry’Uburundi ryifashe neza mu bijanye n’umwimbu w’igihugu.

Ivyiyumviro vyanyu

Ndabira nkuyu,ngo ubutunzi bwifashe neza,igihugu ca nyuma mu bukene kw’isi ?mudahemba Abasoda ?no gukura umwanda mumuji vyaranse,muzi kwica gusa,rindira sha,tout se paie ici bas

28.10.2016 à 08:37
Musaga

Ntagitangaje mwebwe ntaco mwera mwebwe mutemera ko abarundi bariko baricwa kubwishi imivyimba yirirwa iratemba munzuzi iyindi yandagaye mumabararabara mutemera ko hariho abahunga kandi amakambi yuzuye mutemera ko hariho abishwe ninzara kandi birirwa bapfa nuguhunga bahunga mwokwemera ivyo

27.10.2016 à 04:10
tari

Desire Musharitse ubwo ubivuga atanisoni ugira ? nguburundi bwifashe neza kabisa ! urabesha ibitazi atacobazi vyifashe neza munzu iwawe kuko wivye meshi. Abarundi tugeze ahatemba, gubutunzi bwifashe neza, shasinkubesha urazi kwiremesha. Noneho wabaye nkawamugabo yagiye mubandi bagabo ngo iwe asuma ibiro bitanu buridwi, nayiwe nigikoba ntibakibona, nawe niko wabaye nukuri, Uburundi buri mubihugu vyanyuma mubutunzi nayubuho vyayunyutse.

27.10.2016 à 01:04
morodikayi.

Ewe Musharitse nawe urazi kwihagararako,ngo mwavyifashemwo neza hama tukaba abanyuma kw’isi gute,aho nta soni ubivugana,ubona wambaye ikoti uhaze ukibaza ko twese ariko,reka reka guhenda bene gihugu naho batize umusi umwe bazojijuka kandi si kera

26.10.2016 à 15:35
Issa

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.