Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buri mu bihugu bizofashwa mu mfashanyo yatanzwe n’ubumwe bwa (...)
Uburundi buri mu bihugu bizofashwa mu mfashanyo yatanzwe n’ubumwe bwa Buraya
mercredi 12 Ndamukiza 2017, par
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryatanze imfashanyo y’amafaranga agera ku miriyoni 47 z’amanyaburaya azofasha mu migambi y’iterambere ry’abanyagihugu bo mu bihugu vy"uburundi, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Urwanda, hamwe na Tanzania.
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryamenyesheje ko iyi mfashanyo izokoreshwa mu kugarukira abanyagihugu bakozweko n’uguhunga ibihugu vyabo, ababangamiwe n’inzara, hamwe n’ababangamiwe n’ibiza vyatewe n’ihindagurika ry’ibihe.
Christos Stylianides, ajejwe umurwi wo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ukurikirana ivy’ukugarukira ku bahuye n’ingorane zitandukanye, yamenyesheje ko ubumwe bwa Buraya buzobandanya gufasha abanyagihugu bari mu bibazo bitandukanye, aho bari hose.
IGIHE
Messages
12 Ndamukiza 2017, 11:38, par ndc
Nivyiza ariko iyo foto y’umuntu ariko afungura ibirayi n’uduharage bikaranze n’utuvuta ntijanye niyi nkuru.
12 Ndamukiza 2017, 13:06, par Gaston
Nukuri Nibakomere Bagire Ikigogwe Kuko Ubukene N’inzara Vyugarije Abenegihugu Vyari Vyabaye Ndanse Gusa Yoshikira Cane Cane Abamerewe Nabi
12 Ndamukiza 2017, 17:23, par Wakera
Uburaya, burihenze kuko imfashanyo zogufasha abarundi zose mwarikuzishira mugihugu cu Rwanda maze abarundi bazishaka bakitabira wamugambi woguhunga vyofashije cane koku abarundi bahunga bociye biyongera cane bakurikirana ahari ubufasha.
12 Ndamukiza 2017, 19:08, par Wakera
Mbe uwo yiyita Wakera atazi n’ikirundi nuwahe! Izo ni za mpuzamigambi, FDLR n’interahamwe zatwinjirana! Bura gusubira mimashamba ya Congo
13 Ndamukiza 2017, 15:28, par Kanyosha
Izo comments zanditswe na Wakera, zirateye isono!!!
Ibigenewe uburundi vyorundikwa mu Rwanda kuberiki?
Inshura turabe kugira nubwenge bwimwana ataramenya kwiyambika impuzu.