IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buvuga ko ivyatumye OIF ifata ibihano vyahindutse

Uburundi buvuga ko ivyatumye OIF ifata ibihano vyahindutse

mardi 20 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi yaserukiwe muri ivyo biro na Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, akaba yamenyesheje ko biboneka ko ivyatumye ivyo bihano bifatwa vyahindutse mu Burundi, akamenyesha ko bitumvikana ingene ivyo bihano bigumizwaho.

Reta y’Uburundi isaba ko yokurwaho ibihano yafatiwe na OIF (Organisation Internationale de la Francophonie) mu gihe Intumwa z’iryo shirahamwe zaheruka mu rugendo mu gihugu c’Uburundi kuva kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2017, mu ntumbero y’ukwirabira uko ibintu vyifashe mu Burundi.

Ibihano vy’Uburundi vyafashwe mu nama y’iryo shirahamwe igira iya 97 yabereye i Paris mu Bufaransa kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2016, umurwi wamaho wa OIF wafashe ingingo y’uguhagarika vy’agateganyo ugukorana n’Uburundi. N’imigenderanire n’ugufashanya iryo shirahamwe ryahora rifitaniye n’Uburundi yarahagaritswe muri iyo nama.

Muri iyo nama yaremeshejwe na Michaëlle Jean, umukuru w’iryo shirahamwe, ingingo yafashwe n’uko imigenderanire n’ugufashanya vyohagarikwa mu Burundi, ariko igihugu kikagumizwa muri iryo shirahamwe.

Iyo ngingo yavuga ko imigambi igiye kugumizwaho ari iyishikira abanyagihuhu ubwo nyene, kandi itabanza gucishwa kuri Reta y’Uburundi, hamwe n’imigambi ifasha mw’iterambere ry’intwaro rusangi (Rétablissement de la démocratie).

Uburundi bwahowe ko buterekanye ugushaka mu kuva mu ntureka igihugu kirimwo kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015. Muri iyo nama yabaye mu 2016, ishirahamwe OIF ryamenyesheje ko umutekano ubandanya gutituka, ubwicanyi hamwe n’uguhohotera agateka ka zina muntu bikaba bibandanya kwibonekeza, ibiganiro navyo hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo bikaba vyari vyadindiye.

Louis Hamann, umuvugizi w’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa yari yamenyesheje ko iyo ngingo ifashwe kugira bagondoze Reta y’Uburundi itore umuti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi, yemere kandi n’ukwitaba ibiganiro biyihuza n’abatavuga rumwe nayo, kandi bidakumira.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • noneko reta igumisabakwibihano yafatiwe vyohagarara. abayifatiyibihanonabokobaguma bayibwiragwikwirikize ivyobayisaba. bayifatiyibihano kubera ukutubahirizagateka kazinamuntu ukamengantiyumva . ubwicanyi amabiyose akoregwakiremwamuntu niyoyambere ivyagirizwa kandinubuntirabiheba .reta nireke kwicabanyagihugu urabeko ibihanovyafatiwuburundi vyosekobatazababikuraho .

  • Mbega hoba hari igituma igihugu cikukiye kidakora ibintu vyose mururimi rwaco? Ko abanyamerika bikukiye, ko batakivuga igifaransa canke indimi zaba Native American? Uraraba neza, Ibihugu vyose vyamaze gutera imbere kugwego mpuzamakungu, vyose bikoresha indimi zabo. Ivyo bituma abanyagihugu kunonosora no gutahura ivyogwa neza. Umurundi agira kwiga igifaransa hanyuma akiga ivyo yipfuza, wumva yohiganwa n’umufaransa gute? Akahise karahise. Mureke kwamiza amaboko mukirere musabagiza, Kuko nico conyene kibatuma mwisembereza Ubufaransa. Mbega Uburundi bwarahise kudatera imbere ? Kuki igifaransa kitofatwa nk’urundi rurimi rusanzwe hanyuma mugashira ineza y’abanyagihugu, nigihugu imbere? Wapi, murantuga, ariko turacitwara nk’imihimbiri.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.