Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwafashe ingingo y’ukuva muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha
Uburundi bwafashe ingingo y’ukuva muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha
vendredi 7 Gitugutu 2016, par
Mu nama nshikiranganji yabaye kuri uwu wa kane, Reta y’Uburundi yemeje ingingo yo kwikura mu masezerano yashizeho sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI.
Mu gihe iyo ngingo yamaze kwemezwa n’abashikiranganji ba Reta y’Uburundi, bitegekanijwe ko ishikirizwa abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka, kugira nabo bayige.

Mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi bamenyesha ko kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha vyerekana ko Reta y’Uburundi ishaka gukingira abakoze ubwicanyi n’ayandi mabi.
Abo batavuga rumwe n’ubutegetsi bakamenyesha ko mu gihe iyo ngingo yokwemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, bizokwerekana ko hariho ubwicanyi bwabaye.
Amategeko avuga mu ngingo ya 127 ko igihugu gishobora kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ariko hakaba hahera umwaka kugira vyemezwe.
Armel NIYONGERE, umukuru w’ishirahamwe ACAT BURUNDI amenyesha ko naho iyo ngingo yofatwa, ivyo umuntu yagirijwe igihugu ciwe kikiri muri ayo masezerano ya sentare mpuzamkungu mpanavyaha biramukirikarana naho igihugu coba cikuyemwo.
IGIHE
Messages
7 Gitugutu 2016, 09:14, par nsaguye andré
ahubwobaribatevyegufat iyongingo kuberako aboba missinairebagumabagirizaretako amabiyabayeyose yakozwen abakozibayo .mbegawovugaguteko ukoreraletahanyuma ugahindukira kwipfuzakuyitembagaza?mbegahohobobarabakozibaletagutekandibaratayigihugu?ayomasentareyipfuzakudusubizamugikoroni ntayodukeneye.ababijejwenibabirabe nibabonabikwiriyebabivemwo.kukonongah iwacuturifitiy amasentarekandi azinezaguc imanza.
7 Gitugutu 2016, 09:38, par Alain Nyabenda
Shaka muvemwo ariko ntikizobuza ko babarengutsa ntaho muhungiye. Sinzi ko mwasomye amategeko agenga cpi
7 Gitugutu 2016, 11:01, par kameya
Abicanyi bariyerekanye
7 Gitugutu 2016, 11:33, par Wavenzwe Richard
Mwari mwaratevye,iyo sentare yarihe igihe bishe Ndadaye n’abandi? Bahonya abantu 1972 kwatawarukuye mukanwa! Izonjavyi.
7 Gitugutu 2016, 11:53, par Nora Shekka
murabesha tuzobitwarira gushika na kuri abazukuru banyu nama nababwiye mudapfuye ntaho muzohungira ubutungane mwa bijuju mwe muvamwo mutavamwo amategeko ariho.
7 Gitugutu 2016, 11:58, par mona alida
reka mbaze mbe ko mudakorana ngo mukure yo abasoda bari muri somalie na centrafrique mwabonye ko ivyo arivyo bibateye ingorane murateye isoni abantu mwishe mwibaza ngo muzohungira no mwibuye tuzobasangayo murabesha basha .
7 Gitugutu 2016, 12:09, par kamaro
nivyo kuivamwo nivyiza kuko nisentare abazungu bashizeho kugirango bakandamize abanyafrika, kuko ntagihugu nakimwe cabazungu casinye kurarya masezerano ntamuzungu numwe ararengunswa niryasentare kandi aribobariko bar are sum items no Mike kwisi. rero reta ntizisubire gusinyasinya ibintuvyose abobazungu bazana kuko bibabirimwimitego.
7 Gitugutu 2016, 12:43, par alia
noneho bimwe leta yankuru nzia ihakana ira bigaragaje abwo nini bijuju kuko baba bayivuyemwo batarashira mungiro ubwo bwicanyi nayahandi mbona ataco bagikiza niba bashaka kwikingira kuvyo baba bariko bara tegura nayo ivyo bakoze inyuma yo kuvamuriyo sentare bazobibazwa kandi nubwo reta yo vamuriyo sentare bitebe bitebuke ubwo butegetsi buzo hinduka sentare yu burundi ikora ivyo muyitegetse. ico gihe izoba yigenga mbega yoyo muzoyihungira hehe?
7 Gitugutu 2016, 13:48, par Rwema
Ubundi se ninde yari yarabatumye kujya miri cpi
7 Gitugutu 2016, 13:49, par kijisho
muza kukiyogeza narirya atakizoba camira
7 Gitugutu 2016, 14:14, par .
NUKURI MUGIZENEZA IYOSENYARE BTACOYARIMARIYE ABARUNDI, IBAZENAWE AMABIYAKABAYE NGAHA BURUNDI ARIKO KUGERA UYUMUZI ATAMUBURUNDI NUMWE ARARENGUKISHWA MURIYO SENTARE , MWONGERE MWIBAZE UKUNTU EJOBUNDI MUMWAKA WA 2015 ABATEYE KUDETA RETA YUBURUNDI KUGERUBU IRAMAZE UMWAKA ISEMERERA NGOBAFATE ABAGIZE URUHARA MUGUKUBITA KUDETA KUGERA UYUMUSI NTANUMWE YIGEZE YUMVIRIZA RETA YUBURUNDI AHUBWO AHOKUYUMVIRIZA BANDITSE IVYIYUMVIRO BAHAWE NABAKOZE AMABI MU BURUNDI MAZE BARABITANGARIZA AMAKUNGU NGO RETA YUBURUNDI YARAKOZE AMABIYAKATARABAHO! UKIBAZA UTI MBEGA RETA NIYO YIKUBISE KUDETA? CANKE RETA NIYO YATURIRA ABANTU NAMAMODOKA NAYANDIMABI YAKOZWE IZUBARYAKA.
7 Gitugutu 2016, 15:20, par KIROMIYA
UWOMUNBIRI AVUGA SOMARI NKAWEWE ICIBAZIVYO WAJIJIWE BACUMUGANI ATI MUPFAMUYERERA NTIMUGISUBIRAKURAKURABUKWA BAMURATUMWANYA
7 Gitugutu 2016, 15:41, par N’itembe nteke!
Iyo sentare ataco ivuga kuvyagizwe n’abo babanyi bacu aho haruguru kandi baratikije inganda nifutwe! Kuki ataco ivuga kubiba muri Syrie kandi abantu badasiba kwicwa? Muri Yemen n’agahomerabunwa! Ikora iki atari ukuvyonga uduhugu twikeneye!
7 Gitugutu 2016, 16:30, par bahigumwe
nuwovamwo ntiyoba. abesha none nkibihugu binini kontarigera numva aho bihanwa. iyo. vyacumuye siniriwe ndondagura murabibona
7 Gitugutu 2016, 16:37, par Musaga
Ivyo ntaco bihindura, ONU izobacakira bitari kera,inkuru zizewe ni uko uyu mwaka utazohera les mendats d’arrêts zidasohotse,muzoja hehe?babafyonde vyiza vyiza
7 Gitugutu 2016, 17:08, par kamana
Hahahahahahahahahahahahahahahahaha, muzove no muri ONU. Hama ivya CPI vyo ntaco bihindura. Impera n’imperuka abicanyi bazokubitwa intahe mu gahanga. C’est une question de temps.
7 Gitugutu 2016, 17:42, par FELIX MUHIRE
Hariho abantu bafise imvugo mbi mu vyo bandika uca ubona ko ar’bansi ba Reta n’igihugu. Tubwire ivyo bintu babahaye kugirango muzinukwe igihugu cabibarutse. Jewe mbona ko Afrika yose ikwiye kwiyungunganya, ikava mur’ayo masezerano, tukagira Sentare nyafrika, mbere na ONU twoyivamwo kuko jewe simbona ivyo ONU ikorera Afrika. Kandi twihagazeko, tugashira hamwe ubuhinga n’ubumenyi bwacu, Reta Zinze Ubumwe z’Afrika zoshoboka neza. Kuki abo bazungu bokomeza kudusuzugura. CPI kuyivamwo n’ikimenyetso ciza. Abayishigikiye ni bamwe bagira cou d’Etat ikabananira. Abo bacuruza bahomba, nta Mana yabo!
7 Gitugutu 2016, 18:43, par vivi
nibace bavavanura nivyobihuguvyabafasha kukoturikwije (hehehehe%! nuwutitemye aratosekara murihendape)
7 Gitugutu 2016, 19:49, par Nshimirimana
Buryamwibaza Ngo Imyaka Sinduhije AMaze Mubuhungiro Aricaye Rindira Muzobona Abarundibumutima
7 Gitugutu 2016, 19:59, par Jean Rurimunzu V.Z
Nihatarari Ntamensh Mvuz.V.Z
7 Gitugutu 2016, 20:36, par jonas
Nibagende bazicire banyina. Mbega ntitumazimyakirenga baradukuyekwamaboko ntituriho??
7 Gitugutu 2016, 21:03, par jonas
Mutama wacu wihorere ukoregusa turinyuma yawe
7 Gitugutu 2016, 21:26, par Komera Burundi
Abo bose barota kuzimanaganya Abarundi nk’uko babigiriye Imiliyoni zirenga 5 z’Abanyarwanda uhereye kuri Kagome, Uburundi buzobebera ifuro ry’igiti.
7 Gitugutu 2016, 21:29, par EMAMWERI
UBUHOBAZICABESHIATACAMIRAAHUBWOABARUNDITUBEMASOKUKOTURAHERATUMAZWENIZONYESHAMBAZA SENIDED
8 Gitugutu 2016, 04:30, par eeeeeeeeeeeeeeeeqqqqq
Baratumutwe iyo baba abandi barikwiruka ngaho hepfo muritanganika bakitayo bose, niho sentare mpanavyaha itobafata.
8 Gitugutu 2016, 07:41, par ntumva
ahubwo bizoca bigaragara neza ko bakeka ivyo bakoze ko vyobakorako
8 Gitugutu 2016, 08:15, par Musaga
Genda Burundi utwawe nabi kweli abazimyamuriro (Rwanda) bariko baratera imbere nk’umuzinga, John Kerry azogendera U Rwanda mundwi iza,hama ngo DD izomesa Kagame, incuti y’America na Netanyahu!!Ujinga ni mzigo kweli
8 Gitugutu 2016, 09:30, par KG
Uyongingo ufashwe hageze.Ahubwo Iyo ibihugu vyose muri Afrique haburamwo nakimwe.Abazungu ntibanyaye,bashaka kutwifatira mugahanga.baturusha uburyo gusa ariko ubwenge ntitunganya.
8 Gitugutu 2016, 14:00, par Hicuburundi
@Musaga nubwo ntakuzi ndabona ko uri inca bwenge none ko Kagame yubatse igihugu ciwe raba les hotels nshasha 5 etoiles,Radisson blue, Marriott twebwe dufise iki?ya lodge Peter aheruka kugurura akicara kugitanda?
8 Gitugutu 2016, 15:42, par nkdn
reta niyivemwo kuko ivyo bihugu nivyo biriko birwanya reta yuburundi muguha abicanyi ibirwanisho vyo kwiyahura ngo bikunde bibe nkivyabaye murwanda vyo kudandaza ibiziga nubu urumva ko muburundi haguma haharurwa ibiziga ngo bikunde ibihano bifatwe mbe koreta yatanze imitahe yo gufata abatumye ayamabi aba ko bidegemvya murivyo bihugu nyene vyigira bizi ubutungane abagize kudeta baridegemvya ngo sentare idakorana na reta irateyisoni igashhigikira abagira makudeta iyo nisentare itara dufatira sinduhije nti tuzopfa dukoranye kuko yaravyemanze atazoryama ngaribone adatembagaje uburundi none katarengutswa
10 Gitugutu 2016, 12:05, par Hatungimana
Ndabashimiye Cane Kukugene Muja Muraduha Inkuru Ziremesha Kuko Uburundi Bugeze Habi.
10 Gitugutu 2016, 16:04, par ndabahinyuye
Biratangaje,leta nzima irimwo umushikiranganji w’ubutungane n’uwimigenderanire bashobora kujahamwe bagatora inzira yogukira ivyobagirizwa kokoba kunyegera bagahunga sentare hama bakagaruka kutubwira ko arintungane barenganywa badashoboye kubigaragaza imbere y’intahe. Mbe tuzotunganirizwa gut n’abahunga ubutungane !
8 Munyonyo 2016, 11:53, par muhamad
bitewenibibazobigaragaramuburundi niyompamvuyateyeretayuburundi koyakurwamwurworikiko
30 Gitugutu 2017, 11:16, par YUDASTE
IRAKABO IVUYEMWO NAKARE NTACO BARIKO BARADUFASHA ,MBEGA KWABISHE NDADAYE MERCHIOL BATABARONDEYE NGO BABACIRE URUBANZA?