Uburundi bwagarukanye intwaro y’umushikiranganji wa mbere

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 26 Gitugutu 2017 saa 03:46
86910
0 0

Inama nshikiranganji y’Uburundi yemeje ingingo zashikirijwe n’umurwi w’igihugu ujejwe kwerekana ivyohinduka mw’ibwirizwa shingiro. Ikibanza c’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu giherana n’iyi ntwaro. Inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2020, Uburundi buzorongorwa n’umukuru w’igihugu, umushikiranganji wa mbere, hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu.

Mu nama idasanzwe nshikiranganji yabaye kuri uwu wa kabiri, abagize Reta y’Uburundi barabiye hamwe bongera bemeza icegeranyo c’umurwi w’igihugu ujejwe kwerekana ivyohinduka mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Nk’uko vyemejwe n’abagize Reta y’Uburundi, umukuru w’igihugu yotorwa n’abanyagihugu nk’uko biri. Ikiringo yotwara ntikivugwa muri ico cegeranyo c’ivyemejwe n’inama nshikiranganji, ariko hakaba hari amakuru avuga ko ikiringo c’umukuru w’igihugu cokurwa ku myaka itanu kigashirwa ku myaka indwi, agashobora kwitoza ibindi biringo bibiri gushika mu mwaka 2034.

Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi aravuga ububasha bugiye guhabwa umukuru w’igihugu.

"Umukuru w’igihugu akaronswa ububasha yisangije kandi bukwiye adashobora kubogozwa kiretse iyo yahemukiye igihugu, akaba afise umushikiranganji wa mbere ariwe abazwa ivya Reta imbere y’inama nshingamateka kandi akaba ava mu mugambwe watsinze amatora."

Umukuru w’igihugu azoba afise icegera badasangiye ubwoko n’umugambwe canke akaba ava mu bigenga.

Mu bijanye n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, uwo murwi urerekana ivyohinduka aho abemeje itegeko borenga ica kabiri c’abatoye kiretse ku mabwirizwa amwe amwe, canke ingingo zimwe zimwe uwo murwi ubona ko zokwemezwa na batatu kuri batanu batoye.

Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rigizwe n’ingingo 307, muri izo, ingingo 77 nizo zizosubirwamwo, nshasha icenda hamwe na zitatu zikeneye gufutwa.


Kumenyekanisha

1
Nsengiyunva 27-10-2017 à 12:51

Ubwo nyakubahwa umukuru w’ ikigihugu, ubwo ntiwotangura guteza imbere igihugu mu kuduza Ubutunzi bw’ igihugu c’ Uburundi ubwambere ko mbona bugeze aho umwansi ashaka hakuja guhindagura ibwirizwa shingiro? Kuko iyo uriko uraja haranyerera.
Mbega kare hoho kwigumiza kubutegetsi utazobirya ngo ubimare canke abana bawe babirye babimare bimaze iki? Mbe urabona ko uzorwana n’ abazungu ngo ubishobore? Abazungu bakurusha uburyo bwose kandi ntibariko bararekura? igisigaye ayo mamanoeuvre yose uriko urakora nayata igihugu mu manga kandi nawewe mu manga.

2
BUSURAHENDE 27-10-2017 à 09:54

Ayo mategeko iyo aba ari ayashaka kuzana demokarasi mu Burundi aba atomora neza yuko abamaze gutwara Uburundi mandats zirenga 2 ko batemerewe kwitoza mu matora yimirije muri 2020. Uca wumva rero iyo ayo mategeko ahengekeye.

3
hfhhf 27-10-2017 à 08:50

hahaha, biratwengeje

4
Kararuza 27-10-2017 à 08:41

Guhindura ibwirizwa shingiro kugira Peter azorongore igihugu gushika muri 2031 hamwe no kugarukana poste ya Premier Ministre n’ivyemeza intwaro y’agacinyizo ya DD,ntaco CPI irabaterurira rimwe

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha