Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwahojeje imiryango y’ababuze abayo mu gitero cabereye mu (...)
Uburundi bwahojeje imiryango y’ababuze abayo mu gitero cabereye mu Burusiya
mardi 4 Ndamukiza 2017, par
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahojeje imiryango yaburiye abayo mu gitero c’iterabwoba cabaye mu gihugu c’Uburusiya kuri uwu wa mbere. Umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga ko iterabwoba rizotsindwa mu gihe abantu bose boja hamwe mu kurirwanya.
Kuri uwu wa mbere, mu gisagara St Petersburg mu Burusiya, haturikiye igisasu cahitanye abantu 11, gikomeretsa abandi 45 bari muri gari ya moshi.
Ico gitero bivugwa ko gifitaniye isano n’iterabwoba, bikemezwa ko uwagikoze yoba ari uwo muri Aziya.

Amafoto atandukanye yerekanye iyo gari ya moshi yononekaye bikomeye, abayirimwo bariko bakurwamwo.
Inzego zijejwe umutekano zataye muri yompi umusore w’imyaka 23 bikekwa ko ariwe yateye ico gisasu, ariko ntibiremezwa namba ariwe yabikoze, kandi nta n’umurwi w’iterabwoba uriyemerera ko wakoze ico gitero.
Igihugu c’Uburusiya cashizeho iminsi itatu y’ikigandaro, umukuru w’ico gihugu, Vladimir Putin akaba yishikiye ahabereye ico gitero, ahashira ingori z’amashurwe.

IGIHE
Messages
4 Ndamukiza 2017, 12:50, par Sanzi Mana
Imana Ibakire Mubayo Kndi Twihanga Nishyijye Imiryango Yabo
4 Ndamukiza 2017, 12:52, par Frank
Arakoze guhoza ababuze.Kuvakera abarundi bamanye impuhwe.
4 Ndamukiza 2017, 13:56, par PHOCAS
NONE ABOBASESA AMARASO YABENE WABO BO NTIBAZOPHA ? NDASHIMIYE UMUKURU W,IGIHUGU CACU KO YAHOJEJE MUGENZIWE WUBURUSIYA IYUMUBANYI AGIZINGORANE NAWE UBA UZIGIZE.
4 Ndamukiza 2017, 17:16, par moon
condolence my friends! one day we will overcome the terrorism when we will be united; we will condamn all obstinate terrorists.
4 Ndamukiza 2017, 20:09, par Fred.K
Mukuri nibihangane gusa byange bikunde iterabwoba rizatsindwa burundu nababigiramo urahare ntibazabagwa amahoro. Ariko nanone usanga hari ibihugu bikora amakosa mu kurinda no kurandura iterabwoba kuko usanga akenshi bimwe muri ibyo bihugu biba bifite amakuru kubakora iterabwoba, ariko ugasanga iyo hatabayeho kubakumira hakiri kare ugasanga birangiye intagondwa zamaze abantu bakabona kubona ko hari ikibazo kandi abantu bashize. Mboneho gushimira igihugu cy’u Rwanda gikataje mu kurwanya iterabwoba kuko u rwanda iyo rubonye amakuru ayariyo yose y’ubugizi bwa nabi ntibatesha agaciro bahita bayakurikirana
4 Ndamukiza 2017, 20:10, par Fred.K

4 Ndamukiza 2017, 21:11, par NEYMAR
MANA BAHE UKWIHANGANA,TURIMUMISI YIHEREZO
4 Ndamukiza 2017, 22:48, par kigabo
none hari igihugu kigitanga amafr.atazishyurwa?abo ahubwo mugira amahirwe mwe !abo banyeshuri baze mu rwanda barebe uko bimeze!kwishyura batangiye akazi nta kibazo.namwe ntimukagore leta!!!
5 Ndamukiza 2017, 11:37, par THADE
NANJE NDAHOJEJE IMIRYANGO YABOBITAVYIMANA IMANA IBAKIRE ARIKO RERO IKINTANGAZA NUKO WEWE WISHE MUGENZA NUKO UDAHEZANGO WIYONGERE IMYAKA YOBAYEHO MANA TABARA IYISI NABANABAWE ATACOBARIKO BARAZIRA
5 Ndamukiza 2017, 12:00, par gipilili
Mukama tabara isi kuko irarushe.nimwihangane ariko ijambo ry’Imana rivuga ngo ingero y’icaha n’urupfu ababikora iherezo ryabo ni mumuriro udahera
5 Ndamukiza 2017, 14:20, par Deo
Bakomeze kwihangana nabavandimwe buburundi ntibaduhevye mubigoye
5 Ndamukiza 2017, 16:29, par nzokira. eric
Birababajecanekweri. Ntawobitobabaza
9 Ndamukiza 2017, 16:31, par Quine
Sha ntakundi nibihangane twes niyo tuj