Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwakiriye ihuriro ryatunganijwe n’ishirahamwe Rotary ku bijanye (...)
Uburundi bwakiriye ihuriro ryatunganijwe n’ishirahamwe Rotary ku bijanye n’amahoro
mardi 19 juin 2018
Iryo huriro ryitabwe n’urwaruka ruvuye mu bihugu bitandukanye vyo ku mugabane wa Afrika, ryatunganijwe ku civugo :« Urwaruka, Amahoro n’iterambere. »
Mw’ijambo ryo kwugurura iryo huriro, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston SINDIMWO, yamenyesheje ko ata mahoro n’umutekano mu bijanye n’intwaro iterambere ry’igihugu naryo ridashoboka.
- Gaston SINDIMWO, Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze kandi ko igihugu c’Uburundi cizeye ko urwaruka rwitavye iryo huriro rugiye kuba abaserukizi b’Uburundi aho bavuye, bavuge kandi ko Uburundi buri mu mahoro.
Iryo huriro ririko ribera I Bujumbura kuva kur’uyu wa kabiri, rizorangira kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruheshi 2018.

IGIHE