Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwakiriye ihuriro ryatunganijwe n’ishirahamwe Rotary ku bijanye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwakiriye ihuriro ryatunganijwe n’ishirahamwe Rotary ku bijanye (...)

Uburundi bwakiriye ihuriro ryatunganijwe n’ishirahamwe Rotary ku bijanye n’amahoro

mardi 19 juin 2018

Iryo huriro ryitabwe n’urwaruka ruvuye mu bihugu bitandukanye vyo ku mugabane wa Afrika, ryatunganijwe ku civugo :« Urwaruka, Amahoro n’iterambere. »

Mw’ijambo ryo kwugurura iryo huriro, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston SINDIMWO, yamenyesheje ko ata mahoro n’umutekano mu bijanye n’intwaro iterambere ry’igihugu naryo ridashoboka.

JPEG - 52.9 ko
Gaston SINDIMWO, Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze kandi ko igihugu c’Uburundi cizeye ko urwaruka rwitavye iryo huriro rugiye kuba abaserukizi b’Uburundi aho bavuye, bavuge kandi ko Uburundi buri mu mahoro.

Iryo huriro ririko ribera I Bujumbura kuva kur’uyu wa kabiri, rizorangira kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruheshi 2018.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.