Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwasabwe gushigikira umunyamisiri azokwitoza kurongora inama (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwasabwe gushigikira umunyamisiri azokwitoza kurongora inama (...)

Uburundi bwasabwe gushigikira umunyamisiri azokwitoza kurongora inama nshingamateka ya Afrika

mardi 17 avril 2018

Inyuma y’umubonano,umuvugizi w’inama nshingamateka Alexis Badian NDAYIHIMBAZE yamenyesheje ko abo bategetsi babiri babonanye, kuko hasanzwe hari imigenderanire myiza hagati y’Uburundi na Misiri.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avugira inama nshingamateka yavuze ko bavuganye ku bijanye n’ingene uruzi Nil rwokoreshwa, mu gihe hasanzwe hari ukutumvikana k’uko urwo ruzi ruva mu Burundi rukoreshwa.

JPEG - 177.8 ko
Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, avugira inama nshingamateka

Umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi amenyesha ko, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yaboneyeho akaryo ko gusaba umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Misiri n’ayandi makungu, kubandanya bafasha mu kurwanya iterabwoba, ivyo uwo mushikiranganji yemeye.

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Misiri n’ibindi bihugu Sameh Shoukry, ari mu rugendo ruzomara iminsi ibiri kuva kur’uyu wa kabiri gushika kuwa gatatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza, bikaba bitegekanijwe ko kur’uyu wa gatatu azobonana n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.