U Burundi bwaserukiwe mu nkino za CECAFA

Yanditswe na Iwacu
Kuya 24 novembre 2012 saa 09:46
Yasomwe : 1287
0 0

Kuri uyu wa gatandatu italike 24 ukwezi kwa Munyonyo, hatanguye i Kampala mu gihugu ca Uganda inkino z’umupira w’amaguru zihuza ibihugu vya Afirika y’ubureruko no hagati. U Burundi bwaserukiwe n’umugwi nserukira gihugu ‘’Intamba mu rugamba’’. Umumenyereza mushasha ava mu gihugu ca Misiri w’umugwi nserukira gihugu w’ u Burundi Intamba mu rugamba yamenyesheje ko abakinyi biwe biteguye bihagije. Imyimenyerezo yabera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore yamze indwi zitatu.
Abakinyi (...)

Kuri uyu wa gatandatu italike 24 ukwezi kwa Munyonyo, hatanguye i Kampala mu gihugu ca Uganda inkino z’umupira w’amaguru zihuza ibihugu vya Afirika y’ubureruko no hagati. U Burundi bwaserukiwe n’umugwi nserukira gihugu ‘’Intamba mu rugamba’’.

Umumenyereza mushasha ava mu gihugu ca Misiri w’umugwi nserukira gihugu w’ u Burundi Intamba mu rugamba yamenyesheje ko abakinyi biwe biteguye bihagije. Imyimenyerezo yabera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore yamze indwi zitatu.

Abakinyi bavuga ko biteguye neza kugira batahukane ikibanza ciza mu nkino za CECAFA zihuza imigwi nserukirabihugu vya Afirika y’ubuseruko n’iyo hagati.
Naho biri uko abakinyi baridoze ko ubushikiranganji bw’inkino butabahaye uburyo bukwiye bwo kwimenyereza, aha bavuga cane cane amafaranga y’agahembo iyo bariko baramenyerana n’abasanzwe bakinira hanze.

Imbere y’uko bafata inzira ija mu gihugu ca Uganda ku munsi wa kane w’iyi ndwi italike 22,umunyegori akiri muto Marc-Arthur Arakaza yavuze ko afise inguvu zikwiye, ariko agasaba abarundi bose n’amashirahamwe atandukanye kubafata mu mugongo kuko bagiye guserukira u Burundi.

U Burundi bwaserukiwen’abakinyi 19 biboneka ko bafise ubukerebutsi n’ubuhinga. Umumenyereza agira kabiri Amars Niyongabo yamenyesheje ko yizeye ko abakinyi nka Abdoul, Razak, Fiston, Ali, Emery na Steve bazobica bigacika. Ngo abivuga yishimikije ko mu nkino ziheruka berekanye ubuhinga buhanitse mu rukino rw’umupira w’amaguru.

Twomenyesha ko hariho abakinyi babiri bakuwe ku rutonde rw’abagiye mu Uganda kuko banse kwimenyereza hamwe n’abandi bakinyi. Abo ni Stephan Rugo na Omar.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha