IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwinjiye icese mu buhinga bwa "Numérique"

Uburundi bwinjiye icese mu buhinga bwa "Numérique"

lundi 19 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Uburundi bwinjiye ku mugaragaro kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 19 Kigarama 2016, mu mugambi w’Imboneshakure zikoresha ubuhinga bwa "Numérique" (Radio-television numerique). Umunsi wa nyuma w’ukwinjira muri ubwo buhinga wari utegekanijwe kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2016.

Uwo mugambi watangujwe icese n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu bigo vy’imboneshakure y’igihugu c’Uburundi (RTNB : Radio Television Nationale du Burundi.)

Iyo mboneshakure yaciye ihindura izina yitwa "Société de Télédiffusion Numérique du Burundi" (STNB), ikaba igiye mbere igiye gushikana ibiganiro vyayo mu gihugu cose, hamwe no mu bihugu bibanyi.

Mw’ijambo yashikirije mu bigo vy’imboneshakure y’igihugu c’Uburundi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko ari intambwe ikomeye ku barundi, kuko hari ibihugu vyinshi bitarayishikako.

JPEG - 47.1 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Petero NKURUNZIZA yagize ati : "Ni isuka nshasha ibonetse ku gihugu c’Uburundi, tuyikoreshe idufashe gushika ku mwimbu mwiza, tugasaba abo tuyishikirije kuyibungabunga neza kuko izodushikana kure mw’iterambere."

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abamenyeshamakuru gushikiriza muri ubwo buhinga ibiganiro vyiza bituma abanyagihugu batera imbere mu kubaho neza.

Yasavye ko abamenyeshamakuru bokwirinda gushikiriza ibiganiro bituma abana bata umurongo, bikazana umwuka mubi hagati y’abana n’abavyeyi. N’ibiganiro bisambura imicokama y’Uburundi vyokwirindwa, hagashirwa imbere iibiganiro vyukaba Uburundi n’Abarundi, nk’uko umukuru w’igihugu yabisavye.

Reta y’Uburundi ivuga ko ubwo buhinga bwatwaye amafaranga agera ku miriyaridi ijana z’amarundi.


IGIHE

Messages

  • Courage Prezida Nkurunziza komera utere imbere.

  • Komera kumuheto nywanisha abarundi teza imbere igihugu abarundi tukurinyuma,abazezetera mugwanda nomu bubirigi tubihoze oyeeeeeeeee NKURUNZIZA

  • komera mutama ndabonak urigutunganya iterambere ryigihugu muri 2020 uzubasigire igihugu kirimwo iterambere rirama

  • Mbega iyo mwandika ivyiyumviro ku nkuru iyariyo yose mwama muvuga ngo abahunze bari mu Rwanda canke Ububirigi ngo babe barazezeta!Ehe bareke mwebwe mubandanye mwimerererwa neza,nimba ataco mubakeneyeko bareke bigorerwe barimenya ntibariko babaganyira ngo mubafashe, rya munume mubakure mukanwa! Umengo babaraje ishinga! Tugire kubahana nivyiza!

  • Abazezetera mumwanya nububirigi Tanzania yoyo mutayivuga kandi hariyo 200.000
    Canke kubera mugwanda hirutseyo abatutsi Hama muri Tanzania abahutu
    Asha bicagoye kandi bikiriko

  • Wewe urumugabo twemeze kuko urashiririye.

  • haaaaaaa mwatinze mu makorosi

  • toujours babazungu mwiyamiriza nibo muguma muboboteza, inka mbaaaaaaaaaaaah

  • abarundi twese hamwe na banyarwanda byumwihariko turamushimiye nyakwubahwa president nkurunziza. kuko tuzoza twirabira tv zo muburundi gusa turi murwanda kuko izomurwanda zari zaragize ikibazo. nkurunziza oooooo yyyyyyyy.

  • Iyomiriyaridi,mwarikuya,banyarucari,ayoma,anteni,hari,awayarya,terevisio,ntanakamaro,zifitiye.abantubenshi,ushonje,nturac,tiv.

  • ntanguye kuramutsa abarundi bumutima bose badakangwa nurukamvye jewe naravuze nti pita nkurunziza n,umugabo wa bagabo genda genda mugihugu cose murabe ukuntu amakomine ateye imbere.ba mwanke bareke gushika 2020 uburundi paradizo tembera urabe amabarabara amwe agezweho,inzu sinirirwa ndavuga none nyen,icubahiro H.E PITA NKURUNZIZA,atwinjije muri numerique none abadufatiye ibihano nti bamaramara kweli?!?!@= komera mutama wacu imana ya kuduhaye ikudutungire. uburundi tusonge mbele kweli mungu haakutuwacha kabisa.kagame tunataka yale yote alio ya jenga miaka 20 tutayafanya kwa miaka 10tuuuuu warundi nawasii tuwe na nafusi yakusubili pole pole ndo mwendo sasahivi jiji la BUJUMBURA ni jiji kubwa kwa ukubwa inazidi kigali kwa mbari wa nya ruanda wa ache mambo ya matusi wa subili tu, wata ona nini.wa rundi na wa sii tuwe na moyo wa subila tu tu ache na uvivu wakazi tuchape kazi tu..

  • yakoze numugabo turamwemer nabanbanye nibindi

  • Turakengurutse.Ariko Abafise Decodeur Za Startimes.Bazorabira Iyo Mboneshakure Ku Yihe Chaine?Uyuhe Murongo?

  • Nyakubahwa prezida w’uburundi iterambere uraryumva turavye ivyukora mugihe hari abarundi nka Minani badodora mumakungu basabira abarundi ibihano ariko ukaguma utwinjiza mumajambere uwari kukugira prezida mumyaka yaza70,80 na 90 amakungu agitanga imfashanyo zidaharuye uburundi ntagihugu co mukarere kiba kitwigerako, none ico gihe mubigega hari amashiha, ariko ntaco ramiriza igihugu ntigicerwa!

  • Arazi kuyivuza akayica numurya! ngo ntabindi bihugu biyifise! henda ubwobujuju gusa witahire, haribihugu bigeze kurwego rukomeye cane. Wananiwe no gutunganya igihugu kibanamahoro ngurafise ivyusumya abandi!, kweri urazi kwiterintimba.

  • @ Morodikaye, urambabaje! Nkaho baba biligibabyu wobibabwira ngo umukuru wuburundi ngo yavuze nkatabindi bihugu bifise ibiturose bakenera.
    UMVA YAVUZE KO HARIHO IBIHUGU BITABIFISE.
    Ariko ntiyavuze kwatabindi bihugu bibifise.
    Zamurumviriza ikirundi neza kuko nururimi rutomoye.
    Iyoniyompamvu mwananiwe nokumenya uko ibwirizwanshingiro ryuburundi rivuga.

  • Mbe nkubu abahuz uburundi buvise iterambe rya nimerique buva gut?President wacu nubishimirwe kuko utigeze utegwa ubwoba na bakwanka bakanka uburundi ngo usige inyuma iteramber namahoro niterambere.Hagama kugoma uri intwari.

  • MBEGA VYIZA MANA NIWEWE UZI KAZOZA KUBURUNDI KUKO KUVYO DUSHITSEKO UBU BIDUTERA IVYISHIMO REKA TUNEZEGWE AKATARAZA KARIMUNYU

  • Mu kirundi ngo usaba umwiza mugasa, karaciy ingani mubeshe abanyagihugu mubagire ibijuju nkamwe! abashigikiy Peter bose banyoye isupu y’ihihuna, murateye isoni. Mwari mukwiye gusaba ikigongwwe Urwanda rukabereka inzira Ruca mwo mukwiteza imbere.
    Muzopha muri I Bijuju

  • ndimurwanda twabasabaga umurongo twababoneraho kuli Satellite nizina ryayo muduhe umurongo twababonaho kili DVB-T2 murakoze

  • None kodufise tv nimerique twobona amasanamu gute?ubirakora igihugu cose?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.